UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abanyagihugu bafise amafaranga menshi mu mazu yabo- Gélase Daniel Ndabirabe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Gélase Daniel Ndabirabe arongoye inama nshingamateka avuga ko ingwati yadugijwe kubitoza mu matora idateye ikibazo kuko abanyagihugu bafise amafaranga menshi mu mazu,kubwiwe ayo mafaranga ni make cane ugereranije n’amafaranga abanyagihugu bafise.ibi yabivuze mu gihe abashingamateka bariko biga itegeko rishasha rigenga amatora twimirije ya 2025 hari igenekerezo rya 9 ndamukiza 2024.


Igenekerezo rya 9 ndamukiza 2024 inama nshingamateka yarakoranye yarize yongera iremeza integuro y’ibwirizwa ryunganira ibwiriza nshingiro risubiramwo ibwirizwa rigenga amatora mu Burundi.Muri iyo nteguro baradugije ingwati yahora isabwa kubitoza mu matora uku gukwirikira:
-Abakeneye kwitoza mu bibanza vy’amakomine bazotanga inwati y’ibihumbi 200;
-Abakeneye kwitoza mu bibanza vy’abashingamateka n’abakenguzamateka bazotanga ingwati y’imiliyoni 2;
-Abakeneye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu azotanga imiliyoni 100.

Naho abashingamateka bemeje iryo tegeko,Abashingamateka bamwe babona ko iryo tegeko rije gukumira bamwe kugira ntibitoze mu gihe ayo mafaranga asabwa ari meshi kuko ni bake bashobora kuyaronka.kubafise, amakenga umushikiranganji Martin Niteretse ajejwe ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yarabahumurije ababwira yuko ahubwo ayo mafaranga ari make cane iyo bapfuma bagira imiliyoni 500 niho vyari kumvikana kuko burya igihugu nico gikenye nayo abenegihugu baratunze.

Uwurongoye inama nshingateka Gélase Daniel Ndabirabe wewe agira ati:«Abenegihu amahera barayafise n’ikimenyamenya nuko bariko barubaka amazu menshi.Tanganyika iriko iraduga ariko abandi bariko barubaka hirya no hino no hagati mu gihugu none bayakura he?suko bayafise?Amafaranga abenegihugu bafise na Leta vyarayinaniye kuyakurayo.ivyo nabonye ejo bundi igihe Leta ihinduye amafaranga vyaragaragaye ko abenegihugu bafise amafaranga.»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments