UBM News ads UBM News ads
Monday, July 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’uburundi ikwiye kwicarana n’umuhari Red Tabara

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Léonce Ngendakumana yahoze arongoye inama nshingamateka y’uburundi avuga ko Leta Y’uburundi ikwiye kuganira n’umuhari Red Tabara kugira umutekano ushobore kugaruka mu gihugu nayo inzira y’ibirwanisho ntaho ishikana Atari gusambura.Ivyo abivuze inyuma yaho uwo muhari ugavye igitero i Buringa mu ntara ya Bubanza kigahitana abantu barenga 9.

Kubwo inkuru dukesha imboneshakure Télé renaissance,Léonce Ngendakumana Agira ati:« twaraciye mu ngorane nyishi muri kino gihugu zirimwo n’indwano ukunyene, harigeze kuba mbere n’igihe hari imirwi 7 irwana n’igisirikare ca Leta turaganira turashika ku masezerano y’ Arusha ashira imbere ibiganiro.ayo masezerano ya Arusha yategetse ko umuntu wese azoba afise ivyo asaba canke ivyo yipfuza ategerezwa kubicisha mu nzira y’ibiganiro kuko twasanze inzira y’intambara nta kindi izana Atari amarir, amaganya, umwiheburo n’intuntu.Abantu bagapfa cane cane ugasanga hariko hapfa abatari murizo ntambara nk’abana n’abakenyezi.ntayindi nzira rero Atari kwisunga ivyo twasezeranye muri ayo masezerano ya Arusha.twarumvise ko Reta y’uburundi yasubiye kwagiriza u Rwanda mu gufasha umuhari red tabara ariko ivyo vyose bizohezwa n’ibiganiro. tukaba dusaba ko boshira ibiganiro imbere muri vyose mu gutorera inyishu ibibazo vy’umutekano».

UBM news tubona ko ibiganiro bidakumira ariyo nzira yoyenyene ishobora gutuma amahoro n’umutekano bisasagara mu gihugu.Nta musi numwe intambara yigeze itanga amahoro Atari gusenyura ivyubatswe mu gihe kinini maze igihugu kigasubira inyuma muvy’ubutunzi.

Ama Leta menshi atangura kwanka kuganira nabo baba bahanganye ariko bakaza kwemera mu nyuma ari uko inganda zatikiye amaraso y’inzirakarengane yasesetse.Leta y’uburundi rero ikwiye gukora ibishoboka vyose kugira umutekano w’abenegihugu ukingirwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments