UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abarundi bakwiye guhaguruka bakarwanira democrasi-Epitace Nshimirimana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuvugizi w’umugambwe Msd Epitace Nshimirimana atera akamo abarundi bose hamwe n’abanyamigambwe bitwa ko iharanira democrasi guhaguruka bakarwanira democrasi igeze aho umwansi ashaka uyu musi,kubwiwe ngo abarundi bonyene nibo bakwiye kuja hamwe bagatsinda ubwoba bakikurako intwaro y’agahotoro ya Cndd-Fdd iriko irasenyura democrasi mu Burundi.ibi abivuze inyuma yaho Rwasa Agathon akuriwe k’uburongozi bw’umugambwe CNL n’abatabifitiye uburenganzira umushikirangaji ajejwe intwaro yo hagati arorera.


Epitace Nshimirimana agira ati:«ivyashitse kuri CNL n’ivyabaye kuyindi migambwe myishi nka Uprona,Frodebu na Msd sibisanzwe rero ko democrasi icibwa umutwe ngo abarundi duhagarare,s’ibisanzwe ko democrasi iburabuzwa hariho abantu bitwa ko baharanira democrasi ngo babifate nk’ibisanzwe.ubwa mbere kubuza no gukorera birya bari gukorera umugambwe Cnl birimwo na Leta kwerekana ko idashaka ko democrasi ibaho mu Burundi.ica kabiri kuba Cndd ishoboye gukorera umugambwe Cnl birya bintu iwukoreye,harmwo kwibutsa amakungu ko mu Burundi ata democrasi ishoboka uno musi hariho intwaro ya Cndd-Fdd hakaba harimwo n’ubutumwa bukomeye kubarundi bose yuko ata wundi mugambwe urekuriwe gukora mu Burundi,ata kwishira no kwizana kuhari.ubwo butumwa rerro Cndd-Fdd ihaye abarundi nibwo nashaka gufatirako kugira ntere akamo abarundi abarundi bose hamwe n’abanyamigambwe bitwa ko iharanira democrasi ngo babone ko ari gihe ciza co guhaguruka kugira barwanire ya democrasi turiko turarondera kuko nta makungu ,nta bihugu bibanyi bizoza kudufasha gukuraho intwaro ya Cndd-Fdd nitwebwe twenyene.»

Abanyepolitike batari bake n’abaharanira amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike bamaze imisi bagira ico bavuga kw’ikurwa rya Agathon Rwasa k’uburongozi bw’umugambwe Cnl agasubirizwa na Nestor Girukwishaka kandi batabifitiye uburenganzira kandi umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akabashigikira nta gire ico avuga,hari mw’ikoraniro kaminuza ryabereye I Ngozi kw’Imana uheze ryatumweko n’akarwi k’abashingamateka 10 badashigikiye uburongozi bwa Agathon rwasa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments