Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsAmasendika y-abigisha ahurikiye mu runani COSESONA aragabisha Leta ko ashobora guhagarika akazi.

Amasendika y-abigisha ahurikiye mu runani COSESONA aragabisha Leta ko ashobora guhagarika akazi.

Mu kiganiro catanzwe ku banditsi no kubamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Amasendika y-abigisha ahurikiye mu runani COSESONA amenyesha ko anegura ingingo y-ubushikiranganji bw-indero yo gutanga ikibazo ku bigisha bari ku mirimo mu ntumbero yo gusuzuma ubumenyi bafise. Kubw-abo bigisha bari muri COSESONA babona ko ico kibazo kizotuma abigisha basuzugurwa kandi ico kibazo gihonyanga agateka ku mwigisha mbere atanahamwe canditse mu mategeko.Image

Venant Sibomana yavuze kw-izina ry-urwo runani, yemeza ko ico kibazo cerekana ata mwizero abarongoye ubushikiranganji bw-indero bafitiye abigisha. Ayo masendika agasaba ko ico kibazo cohagarikwa atagisabwe , akemeza ko bitagenze ukwo, abahurikiye mw-urwo runani bazoca bafata ingingo yo guhagarika imirimo bisunze amategeko y-igihugu.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments