Amatangazo arabandanya, ejo muri ONU mu nama y’umutekano leta y’Uburundi na Congo nkuko ziyamira mu maganya, zitaka zitakamba zitakambira umuzungu nk’uko umenga inkoho zabo zarazimvye.
Gishasha n’uko umuzungu cane cane Leta zunze ubumwe za Amerika zaraye zigabishije umuhungu wabo Kagame ko yarenze ihaniro ko bagiye kumukorerako. Igitangaje nuko Trump yari yaraye buca ari ejo hahise yigamvye ukuntu Tshisekedi yamutakambiye ngo aze amukureko Imfura yiwe iramurembeje nawe ngo amuhe ubutare.

Imbere yisinzi ry’Abanyamerika Trump ababwira uko yahuye na Tshisekedi amwinginga atware ubutare azoronkamwo amahera menshi mugukoramwo Batteries ( amabateri) y’imiduga.
N’ubu Prime na Neva mugumye mukwinginga n’ejo muzokanguka muri Ku Musaga canke Hafi ya Ndadaye. Ntakindi yumva Kagame atari urusase. Sohora amaboko.
Domitien yahoze atwara igihugu amatora agihera yari yarabavuniye akagohe mu nama yabereye i Gitega hagati y’abanyepolitike n’abandi murabira hamwe uko amatora yaheze. Ati jewe naho muri mu magaburanyama ikibazo co mukarere mutakiravye neza kirabahitana. Inyuma y’amezi adashika 5, ngw’aho murabonye ko gutwara ari imbono atari gutontoma. Mutama yari yarivuze ko abona kure kiretse ivyo mwiyitirira mwebwe.





Recent Comments