Hari impamvu leta y’Uburundi yama iriko itongana n’Urwanda ku mvo z’abantu bashatse gutembagaza leta ya CNDD-FDD.
Twibukanye nka Général Niyombare, kiretse kuba Général w’igisirikare ca Leta ni n’umugwanyi waturutse muri uwo mugwi ukigwana. Arazi amashamba ya Congo cane.
M23 ifashe Uvira, vyumvikane ko Niyombare arashobora kuronka uburenganzira bwo gutembera aho hose M23 yafashe mbere akaza agashika n’i Bujumbura aciye ku mupaka umwe wa Congo uhana urubibe n’Uburundi.

Leta ya CNDD-FDD ntidusigane inkore ku maso Niyombare ntabuzemwo incuti, kandi kubona amaze igihe hanze si kubwo urukundo ,n’ikindi kwama asabwa cane gusumba n’abahungiye mu Bubiligi si kubujuju ni kumpamvu bazi. Yaratwaye iperereza aho afise amabanga menshi. Mbega ko Gaciyubwenge yari umushikiranganji wo kwivuna abansi mbere yahoze mu gisirikare ca leta ya za Ba Buyoya atavugwa canke ahigwe cane mbere ari mu Bubiligi aho leta ifitaniye imigenderanire myiza nico gihugu, kuki we atavugwa cane nka Niyombare ?
Niyombare ikindi avuka mu ntara ya Bujumbura , uwo muntu bisigure ko n’imisozi ihanamiye Bujumbura arayizi. Leta y’Urwanda kuba yomwifashisha si kubujuju. Kumwimana nuko ariwe bwonko bw’Urwanda ku Burundi . Ashobora gufatanya abandi bari mu gihugu n’abari mu Rwanda. Leta y’Urwanda imuciyeko nawe agaca kubagenzi biba vyoroshe amakuru . Ni ikintu gikomeye mu bihe nk’ibi.
Ubu rero yo bavuze ko leta igeramiwe n’Urwanda ko rwimanye canke abashatse gutembagaza leta ya Nkurunziza, haba harimwo ibitari bike bivuzwe.
Kugara imipaka nivyo bigira ingaruka mbi kubenegihugu ariko hari vyinshi batadudurirako ku mvo ko batoca ivutu abantu. Leta y’Urwanda ifise abantu baciye kurubuga rw’ingwano, babaye mubarwanyi, leta y’Uburundi uko. Urabiye kumwe aha iwacu inzego z’ipereza zandujwe ni zahandi, ibiturire n’ibindi, na jewe ndi umukuru w’igihugu nofata ingingo nkizo zigoye ariko zikinga.
Ubu ibikorwa vyose, indongozi zitegerezwa kutagira ikosa ryaba imbere mu gihugu canke hanze y’igihugu.





Recent Comments