Ingaruka y’umugambwe umwe, ikumira ngw’iryo ririyerekanye ata n’amezi atatu aheze. Inama shingamateka yategerezwa gutumako umushikiranganji wo kwivuna abansi agasigura Ibi vyose biriko biraba.
Umukuru w’igihugu we hamwe ivyo Kagame ariko amukina k’umuvyimba vyoba arivyo,yategerezwa gutanga umuco ahandi ahari ubutungane n’iteka yari gutanga imihoho.

Mu gihe bazobona uvuga mugabo atakiboneka ku rubuga uzama mugasuzuguro. Ubu rero igihugu gisigaranye imipaka ya Tanzania. Ibihingurirwa mu Burundi vyose nk’ibice 60 vyose bigiye kubura isoko.
Harakenewe vyihuta ko CNDD FDD yumva ko igihugu ari icabose. Vyarabonetse ko mufise aho mugarukiriza. Kuki mwihagararako mwarananiwe muri vyose ?
Kagame yabimvye kuva kera, muri za 90 yaraza aha mu Ngagara ,bishe Ndadaye araha ,bivugwa ko hari n’ico yobazwa. Nkurunziza yamusasiye indava mukumushimira yarabonye ko yamugwanije gushika kukanyuma. Nawe uriko ukinisha umuriro.
Icarana na bose ahandi usigaje igihe gito ko n’ivyahuha bigiye guhuhuka, Ureke ivy’amajambo adahera. Urumva ko n’abandi bakuzi, Inzego zikure mu mufuko, Zaragoswe nakagwi gato . Igisirikare, inamanshingamateka zikore, ahandi bizokugora gusigura mu minsi





Recent Comments