Umukuru w’inama nshingamateka y’uburundi Daniel Gélase Ndabirabe avuga ko ingeso yo guhemukiranira yabaye ndase mu Burundi aho bishika n’umuntu mwagiye hamwe mu gakora umugambi akwigarama akaguhemukira canke ukamugurana amafaranga mu nzira nziza haheze umwanya akakwihakana.

Uwo arongoye inama nshingamateka avuga ko guhemukiranira gusigaye kwibonekeza no mu bakundana hagati y’abahungu n’abakobwa .
Gélase Ndabirabe avuga ko ubu imanza nyishi zijanye n’ivyo guhemukiranira ari nyishi cane mu butungane,agasigura ko iyo ngendo yamaze kwinjira mu mico n’imigenzo y’abarundi ari intambamyi kuko abantu baca babana batacizerana.
Uwo arongoye inama nshingamateka avuga kandi ko iyo ngeso ijana n’ingeso yo kutemerana aho mu Burundi usanga umuntu atemera ikivuzwe n’uyundi murundi mugenzi we kiretse kivuzwe n ‘umunyamahanga.





Recent Comments