Mu kiganiro yagiraniye n-ikinyamakuru co mu Rwanda IGIHE,umunyamabanga wa Leta m-ubushikiranganji bujejwe umuryango wa afrika y-ubuseruko, Prof Ncuti Manasseh yamenyesheje ko bidashoka ko Leta y-urwanda iha Leta y-uburundi impunzi z-abarundi zagirizwa ko zagize uruhara mw-ihirikwa ry-ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015.
Kubwa Ncuti Manasseh, nuko Leta y-urwanda itoshobora gutanga abo bantu bagirizwa mw-ihirikwa ry–ubutegetsi bw–uburundi kukubera ko vyoba binyuranye n–amategeko mpuzamakungu agenga impunzi ati=ˮ Nk-igihugu twe tugendera ku mategeko twasinye n-ishirahamwe mpuzamakungu ONU nkuko ibindi bihugu vyabisinye ayo masezerano avuga ko wakiriye umuntu avuga ko ahunze mbere na mbere ntabwo umusubiza iwabo ahubwo umufasha kumuha ubuhungiro kuburyo yumva atekaniwe mu mutekano wiwe kanatsinda barabiherewe uburenganzira na ONU‟.
Prof Ncuti Manasseh yabandanije avuga ko hamwe batanze abo barundi boba bahonyanze n-ibigirankana amategeko mpuzamakungu bisinyiye ubwabo, yemeza ko kiretse n-urwanda ko ata kindi gihugu co kw-isi co bikora.
Uwo munyamabanga wa Leta y-urwanda yamenyesheje ko ahubwo hariho iyindi nzira igomba gukorwa iyo nayo ni ukwohereza mu bindi bihugu izo mpunzi ndetse akanemeza ko uwo mugambi uza waratanguye kuganirwako n-ivyo bindi bihugu bafashijwe na HCR naho atashimye kuvuga amazina yavyo bihugu.
Tubibutse ko Leta y-uburundi iguma isaba Leta y-urwanda ko yobarungikira abo barundi bahungiyeyo bagirizwa ihirikwa ry-ubutegetsi mu mwaka w-2015 mu ntumbero y-ugusubira kunagura imigenderanire yononekaye yo hagati y-ivyo bihugu bibanyi bibiri kuva aho hadukiye intureka mu burundi zitewe no kwitoza ikiringo ca gatatu c-umuhisi Petero Nkurunziza.