Muri Hotel Club du Lac Tanganyika hatunganijwe ihiganwa ry’abigeme n’abakenyezi bakorera mu gisata c’ubuhinga ngurukanabumenyi.

0
Ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru bwaratunganije ihiganwa ry’abigeme n’abakenyezi bahiganwa mu gisata c’ubuhinga ngurukanabumenyi. Iryo higanwa rikaba ryabaye kuri rino genekerezo rya 21 Ndamukiza 2021 muri

Hotel Club du Lac Tanganyika
 Uwaserukiye umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru n’ibinyamakuru            Anicet Niyonkuru, yamenyesheje ko iryo higanwa ryatunganijwe mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru w’abigeme n’abakenyezi mu gisata c’ubuhinga ngurukana bumenyi usanzwe uhimbazwa ku munsi ugira kane mu kwezi kwa kane buri mwaka.
Yamenyesheje ko hiyandikishije abigeme n’abakenyezi bashika 70 kandi ko ata n’umwe yarakumiriwe muri iryo yandikwa. Bakaba baciye batoramwo abashika 20 akaba ari na bo bariko barahiganwa.
 Abo bari mw’ihiganwa basiguye ivyo bakora n’imigambi yabo imbere y’umugwi ujejwe kwihweza imigambi n’ivyiyumviro bihiganwa
 Muri abo bigeme n’abakenyezi 20 bari mw’ihiganwa rya nyuma bakaba baza gutoramwo abashika batatu aribo bazohabwa ubushimwe ku munsi w’ejo mu guhimbaza uwo munsi mukuru.