UBM News ads

Leta y-uburundi ishobora gushengezwa muri CPI hamwe yobandanya ifata minenerwe Covid-19

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Urunani rw-abashingwamanza baburanira imiryango y-abakorewe ivyaha mu Burundi bihanwa na Sentare mpuzamakungu CAVIB , mu mwihwezo  rwaraye rushize ahabona kuri uyu wa gatanu,  rumenyesha ko Leta y-uburundi iriko ihonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu mukutubahiriza amategeko mpuzamakungu araba ibijanye n-amagara y-abantu muri iki gihe isi yose ihanganye n-ikiza ca Coronavirus aho bigaragara ko Leta y-uburundi ata ngingo nimwe imaze gufata iboneka  kugira harwanywe ico kiza.La Rédaction – Page 7 – ntare.org

Icegera c-uwurongoye CAVIB asigura ko hari amabwiriza Leta y-uburundi iriko iguma yirengangiza  nko:gushiraho amategeko yose ajanye no kwikingira uwo mugera hamwe gucandaga abantu kugira abantu babarinde ugusinzikazwa n-umugera wa Coronavirus. Emmanuel Nkengurutse avuga ko ivyo vyose bidakozwe Abategetsi b-uburundi bashobora kuzobibazwa imbere y-ubutungane mpuzamakungu.

ˮTwihweje ingingo Leta y-uburundi ingingo imaze gufata kugira irwanye umugera wa Coronavirus, hariho mabwiriza Leta iriko irirengangiza  nko dutegekanya uburyo bukwiye mu gisata c-amagara y-abantu mw-ibwiriza Leta ishinga amahera ikoresha ku mwaka, Leta yongereje uburyo mw-ico gisata ibice 2% mu gihe ibiro vy-umukuru w-igihugu ubwo buryo bwongerejwe ibice birenga 40%, ucubona ko igisata c-amagara y-abantu Leta itacitayeho na gato kandi iyo ˮbudget‟ yakozwe iyo ngwara yaramaze kwibonekeza kw-isi yose. Ikindi Leta yirengagiza ni igihe cose hadutse ingwara zandukira, Yategerezwa kwihutira guha incanco zikingira izo ngwara. Ariko Leta yarirengagije iryo bwirizwa yitwaje koi zo nkingo zirikozirakoreshwa kw-isi zitaremezwa burundu na OMS. Ariko ikizwi ndetse vyemezwa n-abahinga muvy-amagara y-abantu, nuko urucanco ariwo muti urama wo guhagarika irandagata ry-iyo ngwara no kurinda ko imara inganda. Kubw-ivyo, Turagabisha Leta y-uburundi hamwe itofata ingingo zibereye hakaba inganda zitikira , izobibazwa imbere y-amakungu, kandi n-ababigize ku giti cabo bashobora kuzobibazwa imbere y-ubucamanza‟  Bivurwa n-umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse ,icegerera c-urunani CAVIB.

Urunani CAVIB rusaba Leta y-uburundi kudasubira gufata minenerwe ingwara ya Coronavirus  ihanze isi  nk-uko ishirahamwe mpuzamakungu OMS ryabitanganje, igakwirikiza amabwirizwa asanzwe ari mu masezerano mpuzamakungu.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments