UBM News ads UBM News ads
Saturday, June 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y-uburundi yashikirije Urwanda imiyabaga 7 yagirizwa kuba mu Burundi bidaciye mu mategeko.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 6 myandagaro 2021 ku mutumba  Buvumo  uri muri komine Kabarore, ku rubibe rugabura uburundi n-urwanda , Imiyabaga indwi ituruka mu gihugu c-urwanda yari yafatiwe mu Burundi mu mpera z-ukwezi kwa Mukakaro  bivurwa ko bajabutse urubibe bidaciye mu mategeko yashikirijwe abategetsi b-urwanda .May be an image of 1 person, sitting, standing and outdoors

Buramatari w-intara ya Kayanza Col. Remy Cishahayo yashikirije iyo miyabaga mugenzi we arongoye intara  y-amajepfo y-urwanda Alice Kayitesi. N-inka yari yafatiwe  muri komine Kabarore yibwe ivuye mu gihugu c-urwanda yasubijwe mweneyo umunyarwandakazi , Mukamisha Verdiana.

Abo bategetsi babiri bamenyesheje ko kurwaniriza hamwe abakora ivyaha njabukambibe hanyuma bagahungira muri ivyo bihugu arico bagiye gushira imbere mu ntumbero yo kunagura imigenderanire hagati y-ivyo bihugu  yari yaratosekaye kuva mu mwaka w-2015 .

Tubamenyeshe ko mu mpera z-ukwezi guheze Leta y-urwanda yaheruka gushikiriza Uburundi abarwanyi 19 b-umuhari RED-TABARA urwanya Leta y-uburundi bafatiwe ku butaka bw-igihugu c-urwanda mw-ishamba rya Nyungwe mu gihe abo barwanyi bari bazimiranye n-abagenzi babo bavuye gukora ibitero mu Burundi.

Mu ntumbero yo guhimbariza hamwe  umusi mukuru wahariwe mu gushigikirana mu Burundi hamwe n-umusi mukuri w-umuganura mu Rwanda, Abarundi n-abanyarwanda bakaba basangiye ibinyobwa bihingurirwa mw-ivyo bihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments