Mu gihe kuri uyu wa 7 Myandagaro 2021 mu gihugu cose ariho hahimbazwa umusi mukuru wahariwe amakomine, Umukuru w-igihugu c-uburundi arikumwe n-umutambukanyi wiwe iyo bari bagiye kuwuhimbariza muri komine Giheta,intara ya Gitega yahamagariye abarundi kugaruka kw-ibanga ry-abasokuru ryo kwiyumva ko ari abarundi babushitse, bashize hamwe kandi bagendera ku mico n-imigenzo.
ˮTuriko tugaruka ku muzi w-ibanga ry-igihugu cacu .Burya icari carishe igihugu cacu kwabaye uguta ibanga ry-igihugu cacu . Ingeso y-urugo ntiyubaka urundi, Murumva y-uko tutogendera ku mico y-abo tudasangiye ibanga n-akaranga ngo biheze bigende neza. Twebwe rero mu Burundi, turiko turagaruka aho twicara hamwe kugira tube turayaga. Iki gihe, ni igihe co kuba turibukanya ingene dukwiye kubaho kw-ibanga ry-uburundi‟ Niko Perezida Varisito Ndayishimiye yavuze mw-ijambo yashikirije abanyagiheta bari bitavye ibirori vy-umusi wahariwe amakomine. Umukuru w-igihugu c-uburundi yongeye aramenyesha ko umusi mukuru w-amakomine ari umusi wo kwisuzuma kugira abavuka komine barabire hamwe ivyo teza imbere ikomine yabo.





Recent Comments