Leta y-uburundi isaba igihugu c-ubufaransa kudasubira gufasha ibinyamakuru ivuga ko biyirwanya vyaba ibiri hanze canke mu gihugu. Vyatangajwe kuri uyu wa gatanu n-umushkiranganji ajejwe kumenyeshamakuru Léocadie Ndacayisaba igihe yariko atanguza umugambi wiswe PAPROM (Projet d’appui à la professionalisation des médias, mu rurimi rw-igifaransa) ufashwe mu mugongo n-igihugu c-ubufaransa, uwo nawo ukazoba ujanye no gushigikira umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi.
Umushikiranganji Ndacayisaba yibukije uwuserukira ubufaransa mu Burundi ko hari ibinyamakuru avuga ko «vyataye umurongo» bitorabwa n-uwo mugambi
Umushikiranganji Leocadie Ndacayisaba ati:«indyane zahitiye mu gihugu cacu zaratumye haba icuka hagati ya Leta n-abamenyeshamakuru , bamwe mu bamenyeshamakuru baribagiye akarangamutima kabo bigira mu vya politike baba abavugizi b-abashaka gusambura igihugu cane cane abatavuga rumwe na Leta. Ntaworeka kuvuga ko yaba Leta canke abanyagihugu bari basigaye baraba ribi ayo maradiyo n-abayakoramwo. Twipfuza ko ako kabi katosubira kugaruka kandi ko atawosubira kubafata mu mugongo canke kubaha uburyo»
Tubamenyeshe ko uwo mugambi wa PROPAM ushigikiwe n-ubuserukizi bw-igihugu c-ubufaransa mu Burundi uzotwara amafaranga angana n-imiriyaridi zibiri z-amafaranga y-amarundi mu numbero yo kugarukira igisata co kumenyeshamakuru mu Burundi, igisata umushikiranganji Ndacayisaba avuga ko gihanzwe iki gihe n-ingorane zitari nke.





Recent Comments