Amafaranga y-abanyaburaya angana na miriyoni 214 (214€) niyo agiye gutangwa ku burundi n-umuryango w-ubumwe bwa buraya. Iyo mfashanyo yo mu kiringo c-imyaka ine ikaba ibaye iyambere itanzwe n-uwo muryango inyuma y-ikiringo kirenga indwi kihaciye uburundi bukuweko ibihano vy-ubutunzi bwari bwarafatiwe n-uwo muryango mu mwaka wa 2016.
Ivy-iyo mfashanyo y-ayo mafaranga bikaba vyatangajwe kuri uyu wa gatanu na Jutta Urpilainen , umukomiseri mukuru w-ubumwe bwa buraya mu murwi ujejwe gukorana n-ayandi makungu mu mubonano yagiranye n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye , iyo ari mu gihugu c-ububirigi ku cicaro gikuru c-umuryango w-ubumwe bwa buraya ahariko habera inama idasanzwe igira gatandatu yo gufashanya hagati y-ibihugu bigize umuryango w-ubumwe bwa Afrika hamwe n-ubumwe bwa buraya.
Mw-ayo mafaranga agiye guhabwa igihugu c-uburundi , imiriyoni 194 y-abanyaburaya agiye kuzofasha mu bikorwa vy-iterambere hamwe n-izindi miriyoni 20 zizofasha mu gikorwa co gikingira ibinyabuzima.





Recent Comments