Umurwi w-igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi wemeza ko mu mwaka wa 2021 waharuye abantu 42 bagandaguwe , muri abo 35 ni abanyurujwe baburwa irengero. Biri mu cegeranyo uwo murwi wasohoye kuri uyu wa kane co mu mwaka warangiye wa 2021 hari mu ngoro y-amakoraniro mu Kigobe. Ico cegeranyo kikaba kitanezereje na gato abashingamateka harimwo n-umukuru wabo , Daniel Gelase Ndabirabe bose bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD kubera ko ngo gihengamiye ku makosa yakozwe n-inzego za Leta.
Ataranasoma icegeranyo c-ivyaranguwe na CNIDH mu mwaka wa 2021, Umukuru w-inama nshingamateka Daniel-Gélase Ndabirabe yamusamiye mu kirere maze agaragaza ko atakiriye neza ico cegeranyo kuko gihengamiye ku makosa yakozwe n-inzego za Leta gusa.
Kw-ivyo CNIDH yagirizwa n-umukuru w-inama nshingamateka ko yahengamiye ku ruhande rumwe ku makosa yakozwe n-inzego za Leta, Sixte-Vigny Nimuraba yamwishuye atomora ko ibikorwa vy-umurwi arongoye vyisunga amategeko. «Nkuko vyanditswe mw-ibwirizwa inimero 1-04 ryo kuwa 5 Nzero 2011 risaba ko buri mwaka bisaba ko buri mwaka dutanga raporo ijanye n-ibikorwa twakoze ikajana n-ingene agateka ka zina muntu kifashe cane cane tukaraba ingene Leta ikwirikiza ivyo kwubahiriza agateka ka zina muntu kuko burya ushimako agateka ka zina muntu kahungabanye mu gihe haba harimwo uruhara rw-umuntu aserukira Leta mu nzego izari zo zose aba yakoze icaha» Niko Sixte-Vigny Nimuraba yishuye Daniel-Gélase Ndabirabe.
Ico cegeranyo c-umurwi CNIDH caciye gisubizwa inyuma kugira gishobore kwemezwa kuko ngo hari vyinshi bibuzemwo nkuko vyashikirijwe n-umukuru w-inama nshingamateka Daniel-Gélase Ndabirabe.
Recent Comments