UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta iremeza ko hari ikena ry’imiti n’abaganga mu gihugu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwujejwe ubuvuzi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu Dr Oscar Ntihabose avuga ko igisata c’amagara y’abantu mu Burundi gihanzwe n’ibibazo vyinshi harimwo ikena ry’imiti mbere n’abaganga badakwiye kubera usanga abaganga bata akazi kubera agashahara ari gato.ivyo vyavugiwe mu bikorwa vyatunganijwe n’ubwo bushikiranganji mu ntumbero yo kwiga uko igisata c’amagara y’abantu cotera imbere.

Dr Oscar Ntihabose agira ati:«imiti ni mikeya mu gihugu,ikigo ca Leta Camebu kijejwe kurangurira imiti igihugu cose na cane cane ibisata vya Leta muga tugiye kuraba dusanga imiti itari kurugero rushimishije.muri rusange dusanga Ikigo Camebu gishobora kuzana imiti y’ibanze kurugero rwa 70% ivyo twita imiti ya nkenerwa.Aho rero usanga ibitaro vya ruguru n’amavuriro amwe ya ruguru afise imiti mike cane tugereranije n’ibitaro biri mu gisagara».

Uwo ajejwe ubuvuzi amenyesha ko bagiye gukomeza umugambi banatanguye uvuga ko ubuvuzi bushikira bose ibitaro bikaja kurugero rwiza.ikindi nuko abaganga ngo bata akazi kubera agashahara ari gato ico rero amenyesha kobagiye gugufashanya n’ubushikiranganji bw’abakozi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments