UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Albert Rudatsimburwa avuga ko ibihugu vya SADC bitinya kwemanga kumugaragaro ko biri Kurwanya M23

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umumenyashamakuru asanzwe akwirikirana ibibera muri Congo y’ubuseruko avuga ko ibihugu biri muri SADC “Afrika y’epfo na Tanzaniya ” vyarungitse ingabo muri Congo kurwanya umuhari M23 biri gukorana n’umuhari FDLR wakoze ihonyabwoko mu Rwanda n’iyindi mihari y’iterabwoba arico gituma ivyo bihugu vya SADC bidatomora neza ko biri kurwanya M23 kandi ivyo bihugu bikaba biriko vyinyegeza inyuma y’amasezerano ya Nairobi na Luanda kandi bizwi neza ko biri gukorana na FDLR.

kubw’inkuru dukesha imboneshakure Tele renaissance Uwo mumenyeshamakuru agira ati:«ubwambere ico novuga nuko Tshisekedi yivye amatora agaca agerageza kwima ijambo abatavuga rumwe nawe.ubu rero ibihugu vya burayi,Amerika biri gusaba ko Tshisekedi ategerezwa kwitandukanya na FDLR hama akumviriza abo bari kurwana “M23 “kuko ubwicanyi buri gukorerwa abavuga ururimi rw’ikinyarwanda muri Congo hamwe no guturira ama bendera y’ibihugu vya burayi na Amerika biba vyateguwe n’ubutegetsi kuko umunyagihugu asanzwe ntaho ahurira n’uburayi na Amerika».

Tubibutse ko igihugu ca Congo gihanganye n’umuhari wa M23 uvuga ko urwanira agateka kabo aho bamaze imizi mu mirwano ikomeye berekeza Goma.ibihugu bitandukanye vyararungitse ingabo zija gufasha igisoda ca Congo”Frdc” kurwanya uwo muhari.ibihugu birimwo ,uburundi ,tanzaniya,afrika y’epfo na kenya ariko ingabo za kenya zikaba zarasubijwe inyuma kuko zagirijwe na Congo gukorana na M23.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments