Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeUbutunziLeta ivuga ko igiye kwungukira ku bakozi bazojanwa mu bihugu vy'abarabu,Abo bakozi...

Leta ivuga ko igiye kwungukira ku bakozi bazojanwa mu bihugu vy’abarabu,Abo bakozi nabo bati Leta igiye kutudandaza.

Inyuma yaho Leta y’uburundi ishiriyeho amabwirizwa ajanye no kurungika hanze mu bihugu vy’abarabu abakozi bato bato bogukora ubuzi bwo munzu, Iyo Leta ikaba ivuga ko igiye kuzokwungukira kw’abo bakozi bagiye kuzoza bajanwa gukorera mw’ivyo bihugu vy’abarabu kuko izohungikira cane ku makori yinjira mu gihugu. Bikaba bivurwa kandi ko imishahara y’abo bakozi izohora ibanza gucishwa mw’ibanki nkuru y’igihugu maze bagahembwa mu mafaranga y’amarundi babanje gukatwako ikori. Bamwe mw’abo bakozi bagizwe ahanini n’abagore n’abigeme bati nyabuna Leta iriko ikora urudandazwa rw’abantu kuko ataho vyakabonetse aho Leta yinjira mu masezerano ari hagati y’abantu babiri ni ukuvuga umukoresha hamwe n’umukoreshwa.

Kubwa Leta y’uburundi, Nuko ayo masezerano ,amategeko hamwe n’amabwirizwa agenga ico gikorwa cokurungika abo bakozi mu bihugu vy’abarabu azofasha cane mu kubakingira mu bijanye n’agateka kabo mu bihugu bazoba bajanywemwo.Ayo masezerano akaba agenga abazoba bajanywe n’amashirahamwe azwi akorera mu Burundi canke yo hanze.
Ku bazoba baragiye mw’ivyo bihugu vy’abarabu ku giti cabo, Leta ibasaba kwitura ubuserukizi bw’uburundi barimwo kugira biyandikishe bamenyekane gutyo hagize uwugira ingorane akitabwaho. Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bw’uburundi bukaba aribwo buzokwirikirana ico gisata hamwe n’inyungu kizotanga.
Naho atashimye kuduha izina ryiwe, Umwe mubarundikazi ari mu gihugu ca Omani yagiyeyo mu mwaka w’2020 avuga ati :«Nukuri Nukuri Leta nirabe neza iriko ikora urucuruzwa rw’abantu ibicishije mw’itegeko. Ntaho vyakabonetse aho haza umuntu wa gatatu mu masezerano y’akazi aba ari hagati y’umukoresha n’umukoreshwa. N’abagenzi bacu bo muri Kenya ntabwo turumva Leta yabo ibibakorera ukwo.Twibaze ko natwe twinjiriza igihugu biciye ku mafaranga y’agaciro twinjiza mu gihugu iyo duhembwe. Jewe mbona Leta yohagarika ivyo bintu kuko biza gutanga isura mbi mu makungu»
Tubamenyeshe ko ayo masezerano azoba yerekeye ahanini abakenyezi n’abigeme nkuko ubushikiranganji bw’imigenderanire buvyerekana. Ayo masezerano ajanye no kurungika abo bakozi bato bato mu bihugu vy’abarabu akaba agizwe ingene amashirahamwe azotwara abo bakobwa n’abakenyezi azoza arabakwirikirana , ingene abo bakozi bazorungika amafaranga baciye mu gihugu cabo, ingene uwugize ikibazo ubuserukizi bw’uburundi buzomufasha n’ibindi. Ibihano navyone bikaba bitegekanijwe mw’ayo masezerano.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments