UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta igiye gutorera umuti ikibazo c’isukare-Audace Niyonzima

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w’ikigega ca Leta Audace Niyonzima arahumuriza abarundi ko Leta igiye gukemura ikibazo c’isukare kuko hariho ama taxe yemeye guheba ayandi aragabanywa kugira yorohereze abashoboye kuja kuyizana hanze y’igihugu.Ibi yabishikirije kuri uwu wa kane igenekerezo rya 13 ruheshi 2024 mu nama nshingamateka.

Igenekerezo rya 13 ruheshi 2024 inama nshingamateka yarakoranye kugira yige uburyo Leta izokoresha mu mwaka wa 2024 ushira uwa 2025.muri ivyo bikorwa,abashingamateka barashikirije ibibazo n’amakenga bafise ku bibazo bisanzwe bihanze igihugu harimwo ikibazo c’isukare n’igitoro kimaze igihe kitari gito mu gihugu.

Kukibazo yabajijwe kijanye n’ikena ry’igitoro,umushikiranganji yamenyesheje ko ikibazo c’igitoro cavuye ahanini kw’ikena ry’amafranga y’agaciro arivyo mbere vyatumye ihinguriro Brarudi ridashobora guhingura ibinyobwa bikwiye ariko ko Leta iriko iragerageza gukemura ico kibazo.

Kukibazo kijanye n’ikena ry’isukare,umushikiranganji Audace Niyonzima yamenyesheje abashingamateka ko Leta yafashe ingingo yo gukuraho ama taxe ayandi aragabanywa cane kugira ngo Leta yorohereze abashoboye kuja kuzana isukare hanze y’igihugu gutyo bizoheza bikemure imirongo yahora yibonekeza mu gutondera isukare hamwe n’ihinguriro Brarudi kuko naryo nyene rikenera isukare nyishi.

Leta y’uburundi itegekanya gukoresha imiriyaridi 4397 mu mwaka wa 2024-2025 mu gihe mu mwaka wa 2023-2024 yakoresheje amafranga angana imiriyaridi 3780. Leta ikavuga ko ubutunzi buzokwiyongera ku bice 5,4% mu mwaka wa 2024-2025 bivuye ku ngingo nziza zafashwe mu kunagura ubutunzi hamwe n’imigenderanire n’abasanzwe bafasha uburundi mu migambi y’iterambere.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments