UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Igihugu kigiye guhomba-Faustin Ndikumana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM avuga ko igihugu kigiye kwinjira muruhombo(Faillite) mu gihe Leta itokemura ikibazo c’igitoro hamwe n’amafranga y’agaciro.Ibi yabishikirje kuri uwu wagatandatu igenekerezo rya 15 ruheshi 2024 mu gihe amakungu yahimbaza umusi wahariwe kurwanya inzara.

Nkuko bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem uyu musi wahariwe kurwanya inzara ushitse mu gihe uburundi buriko buraca mu bihe bidasanzwe nkuko ivyirwa vyakozwe vyerekana ko abarundi bangana 70% babayeho batazi ico baza gufungura nayo ibice 40%vy’abana navyo babayeho bafungura nabi ko rero ikibazo c’igitoro kije gusongera isibe.

Uwo arongoye ishirahamwe Parcem aragaruka ku kibazo cerekeye ikena ry’igitoro mu gihugu hamwe n’ubukene bw’amafranga y’agaciro aho avuga ko mu gihe uburundi buriko buraca mu bihe bitoroshe vy’ubukene bw’ibitoro hamwe n’amafranga y’agaciro biriko biratuma mbere ubuzima buzimba mu gihugu c’uburundi bigeye gutuma igihugu gishobora guhomba vuba mugihe leta itogira akigoro kaboneka ngo itorere umuti bino bibazo.

Faustin Ndikumana agira ati:«Banki nkuru y’igihugu nimba idafise amafranga y’agaciro none harangurwa iki?none ntabidandazwa bicinjira mu gihugu rero?nukuvuga rero ko igihugu kiriko kiraja muruhombo.Leta yohagabira igafata ingingo zihuta.turasavye ahubo umukuru wa BRB atwereke uko amafranga y’agaciro angana.ariko agura iki?ayo mukwa gatanu n’ukwagatandatu yaguze iki?nasohore raporo nayo kuvuga ngo ntayahari ntivyumvikana.none hoba hinjira iki?ubu Leta igura iki?ubuzima burahagarara,bugenda gute?Leta nize itubwire ico bariko barakora kugira ibintu bino bibazo bitorerwe inyishu.»

Ikibazo c’ikena ry’igitoro kimaze imyaka fafi ibiri cibonekeza mu gihugu akaba ata twigoro dufadika Leta iriko irakora kugira ikemure kino kibazo kuko benshi mu barongoye igihugu harimwo umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca hawe na Gelase Ndabirabe arongoye inama nshingamateka bose barerekanye koi co kibazo kibarengeye.umuntu aribaza none iki kibazo kizokemurwa nande?ukwo biri kose umwenegihugu mutomuto niwe ariko arahasinzikarira.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments