UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ishirahamwe rijejwe kuvuza abakozi ba Leta rikwiye kwitwarirwa-Emmanuel Sinzohagera.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’inama nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera avuga ko ishirahamwe rijejwe kuvuza abakozi ba Leta(MFP) rikwiye kwitwarirwa mu butungane ku caha bakorera abanywanyi baryo mu kwanka kubavuza kandi ryama ribakata amahera buri kwezi.Kubwiwe ntatahura ingene iryo shirahamwe rimaze imyaka 44 rivutse ntirishobore kuvuza abanywanyi baryo.Ibi yabishikirije ku musi w’ejo igenekerezo rya 18 ruheshi 2024 mu nama nkenguzamateka.


Kumusi w’ejo igenekerezo rya 18 ruheshi 2024 inama nkenguzamateka yarakoranye irongowe na Emmanuel Sinzohagera asanzwe ariwe ayirongoye ni mugihe bari bafise abatumire 3 aribo;Umushikiranganji Lydwine Baradahana ajejwe ubushikiranganji w’amagara y’abantu,Marie Chantal Nijimbere ajejwe ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro hamwe na Immelde Sabushimike arongoye ubushikiranganji bwo gufatana mu nda,imibano n’iterambere ridakumira.

Mu bibazo vyabajijwe n’abakenguzamateka haragarutse ikibazo kirangwa mw’ishirahamwe Mutuelle de la Fonction Publique(MFP) rijejwe kuvuza abakozi ba Leta aho ritakivuza abanywanyi b’iryo shirahamwe kandi bama babakata amahera buri kwezi. Aho mbere umukuru w’inama nkenguzamateka yagaragaje akababaro afise kubona ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba Leta mutuelle de la fonction publique ritacitaho abanywanyi baryo.
Emmanuel Sinzohagera yagize ati:«Nyakubahwa mushikiranganji birabaje kubona ishirahamwe mutuelle de la fonction publique ritagishobora kuvuza abanywanyi baryo kandi mwama mubakata amahera buri kwezi.dukwiye kwitwarira ishirahamwe Mutuelle kubona bakora icaha nkico.iyaba vyokunda ko duhitamwo nta mutuelle nojamwo.»

Munyishu z’umushikiranganji immelde yaratanze umuco ko hariko harakorwa utwigoro twinshi kugira ibibazo biri muri mutuelle de la fonction Publique bafadikanije n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira kuvuza abazi ba Leta bitorerwe umuti urama.

Umukuru w’inama nkenguzamateka ntiyanyuzwe n’inyishu zatanzwe n’umushikiranganji wo gufatana mu nda Immelde Sabushimike aho yamubajije ati:«Nyakubahwa mushikiranganji tudahendanye ndazi nawewe ntiwivuriza kuri Mutuelle.»

Ishirahamwe mutelle de la Fonction Publique ryatanguye gukora mu mwaka wa 1980 gushika uyu musi rikaba rikwije imyaka 44 rivutse ariko rikaba ridashobora kwitaho no gukora ku neza y’abanywanyi baryo kandi ribakata amahera buri kwezi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments