Mw’iy’imisi, Abanyagihugu basanzwe bakora urudandazwa rutandukanye mu Burundi bavuga ko ibikorwa vyabo bitifashe neza . Iyo bagiye gutora amahera babikije mu ma banki babaha intica ntikize ku buryo batagishobora kubandanya urudandazwa bakora. Abandi banyagihugu twavuganye bavuga ko batabarenza ibihumbi 500 ariko ngo hariho abagirirwa amahirwe bakabakwiriza imiriyoni zibiri bivanye n’ayo babikije. Ni izihe nkwirikizi zishobora guterwa n’iryo bura ry’amafaranga mu ma banki?
«Ejo bundi naragiye gutora amahera muri banki ntibandengenje ibihumbi 500. Ariko haruwo twahuriye muri posita anyibira akabanga ko wewe bamuhaye imiriyoni zibiri ko ari igitangaza asa nuwukorewe. Urudandazwa rwanje ruriko rusubira inyuma kuko nategerezwa kubikura amafaranga akwiye mbone gukora neza» Niko umudandaza w’imbaho aba muri zone ya Kinama yidoga.
Uwundi mukozi wa Leta wo mu ntara ya Rumonge agira ati :« Narankiwe ko mbikura ibihumbi 400 nategetswe ko mpiga canke ndorera uwoza kubitsa amafaranga kugira mbone guhabwa utwaje»
Nk’inkwirikizi zishobora guterwa n’ubwo bukene bw’amafaranga, n’uko ababitsa amafaranga mu ma banki badasubira kuyizera maze bagashima kuyoyagumiza muhira iwabo, hako baza guhangwa n’ukubikura utwabo muri banki canke ahandi.
Ayandi makuru tumaze guhabwa ariko tutoshoka tuyemeza n’uko ngo igihugu c’uburundi coba cimirije gukoresha ifaranga ry’uburusiya bita «rouble» hamwe n’iry’ubu shinwa bita «Yuan» hirengagijwe idorare rya Amerika bikaba vyoba arivyo vyo biriko bituma hatangwa amafaranga make.
Recent Comments