UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Léonce Ngendakumana avuga ko Gélase Ndabirabe ari mu banyuruje amafaranga yari agenewe kurwanya ikiza COVID19

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwahoze arongoye inama nshingamateka y’u Burundi Léonce Ngendakumana avuga ko biteye isoni kumva umukuru w’inama nshingamateka Gélase Ndabirabe hamwe n’umushikiranganji ajejwe ikigega ca Leta bifatira mu gahanga abashingamateka bari kubaza irengero ry’amafaranga yari yagenewe kurwanya ikiza Covid -19 hama Gelase ndabirabe agashigikira uwurongoye ikigega ca Leta akamukingira ikibaba ngo ntakwirikiranwe vyerekana ko bayasangiye.N’inyuma yaho Audace Niyonzima arongoye ikigega ca Leta avugiye kuri uyu wa kane ko amafaranga arenga imiriyaridi 3 z’amafaranga y’amarundi atazi irengero ryayo hama akagirako asaba abashingamateka ko bobirekera aho kuko atazi iyo ayo mafarabga yazimiriye.

kubw’inkuru dukesha iradiyo rpa ijwi ry’ abanyagihugu,Leonce Ngendakumana avuga agira ati:«birababaje kubona abashingamateka bari kurondera umuco kw’izimira ry’amafaranga hama umukuru w’inama nshingamate agaca abirekera ngaho kandi atamuco utanzwe .ayo mafaranga yokoze mu kubaka amabarabara meza,hakubakwa uburaro bwiza ariko aherera mu mifuko y’akarwi k’abantu badashira inyungu imbere z’abenegihugu.ikibabaje ubu abashingamateka bakwirikirana inyungu zabo gusa narirya hariho ibwiriza rivuga ko bagukuye canke bakwirukanye mu mugambwe cank ukikurayo kubera utemeye ivyo bariko barakora uca utakaza ikibanza c’ubushingamateka.ikindi nuko inzara n’ubukene bituma abashingamateka baba ba seniryo».

Abashingamateka bari bakwiye kwibuka ko aho bari bahari kubera abanyagihugu babashizeho bakabakorera ibibateza imbere aho kunyonora amatungo ya Leta.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments