UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ingabo z’uburundi nizo muri SADC Zigiye kuja hamwe mu kurwaniriza hamwe umuhari M23

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uburundi na Afrika y’epfo bigiye gushigikira inteko za SADC(SAMIDRC)ziteguye kugarukana amahoro mu gace k’ubuseruko bwa Congo.

Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye ari kumwe na bagenzi we ba RDC,Prezida Felix-Antoine Tshisekedi na Prezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y’epfo,kuri uyu wa 18 Ruhuhuma bakaba bagize umwiherero i Addis-Abeba iyo basanzwe bahuriye mu bikorwa vy’inama igira 37 y’ubumwe bwa Afrika.

Abo bakuru b’ibihugu uko ari batatu bakaba bahuye mu ntumbero yo kwigira hamwe ingene horungikwa inteko zihurikiye mw’ishirahamwe SADC(SAMIDRC) hamwe n’ingene hoba ugukwirikirana n’ukugenzura neza ku rubuga,ubutumwa bwo kugarukana amahoro n’umutekano,izo nteko za SAMIDRC zifise mu gace k’ubuseruko bwa RDC.

Ibihugu vy’uburundi na Afrika y’epfo bikaba biri ku rutonde rw’ibihugu bishigikiye ibikorwa vy’inteko za SAMIDRC.

Iruhande yo kurabira hamwe ibibazo bijanye no kugarukana amahoro n’umutekano muri RDC,abo bakuru b’ibihugu baganiriye kandi ibijanye no gutsimbataza imigenderanire no gukorana neza hagati y’ibihugu basanzwe barongoye .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments