Umukuru w’inama nshingamateka y’uburundi Daniel-Gélase Ndabirabe ahamagarira abavyeyi kurungika abana babo mu gisirikare n’igipolisi mu buryo bwo kurinda umutekano w’igihugu n’abenegihugu.

Daniel-Gélase Ndabirabe avuga ko urwaruka cane cane abaheza amashure badakwiye kuguma muhira ngo barindiriye akazi ahubwo bijukire kwinjira igisirikare n’igipolisi.ivyo yabivugiye mu bikorwa rusangi vyabereye muri komine Rutegama intara ya Muramvya kuri uyu wa gatandatu.
Mugihe mu gihugu c’uburundi ubuzi busigaye bwarabuze cane cane abaheza ashure y’isumbuye na za Kaminuza Gelase Ndabirabe we abona ko boja kwinjira inzego z’umutekano.imvugo nkizo ntizihumuriza abenegihugu mu gihe abavyeyi benshi bivurwa ko babuze ababo mu mirwano ibera muri Congo abandi ntibamenye ko n’ababo bakiriho.bamwe bakavuga ko Leta y’uburundi ikwiye kwiga uko yohangana n’ikibazo c’ubushomeri cibonekeza mu gihugu Atari kubarungika mu gisirikare.





Recent Comments