Léonce Ngendakumana asaba abarundi bose guhaguruka bakaba nkabo muri Burkina Faso bakirukana umukuru w’igihugu .

0

Léonce Ngendakumana umwe mubatavugarumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD, ahamagarira abarundi bose aho bava bakagera kuva hasi bakiyamiriza umukuru w’igihugu ” Petero Nkurunziza.

Kubwiwe avuga ko adatangazwa nivyo umugambwe CNDD-FDD wirirwa urakorera abarundi kuko ngo ni umugambwe ugizwe nabicanyi hamwe nabasuma kubwivyo akaba asaba abarundi bose guhaguruka bagakura kubutegetsi umukuru wigihugu.

Léonce Ngendakumana yagize ati : Ntimutangare nivyo abo bantu jewe ntita aba CNDD-FDD bakora. Ubwa mbere CNDD-FDD s’umugambwe, n’akagwi k’abicanyi n’abasuma kari mukuzimangana mu misi iri imbere. Ubwa kabiri baramaze kwihebura ntibabona kazoza kabo. Baca bavuga bati twopfuma tubibura twese. Ntimubateko umwanya muremure ipange, umwe wese aho ari, atiravye tubirukane. Ikizotuma baguma batwicaye kugakanu nuko umwe wese azoguma yiraba, araba umugambwe canke ubwoko avamwo. Nitwarengera amaronko, tukarengera imigambwe n’amoko yacu, simbona aho CNDD-FDD yotoborera, tuzoba tubirukanye. Haguruka rero tube nkabo muri Burkina Faso