Breaking News : Abantu batanu bagandaguwe nabapolisi mu cibitoke ” Raba hano amafoto

0

Umupolisi umwe hamwe n’abanyagihugu batanu bagandaguwe muriki gitondo aho amakuru dufise avuga ko hoba habaye ukurasana hagati yabapolisi hamwe niyo misore.

cibotoke

Ivyo bikaba vyabereye muri zone ya cibitoke iherereye mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura ,abanyagihugu batanu (5) hamwe n’umupolisi umwe akaba aribo bahasize ubuzima mukurasana kwabaye hagati yabapolisi hamwe n’iyo misore itanu yo muri zone ya Cibitoke.

Nkuko amakuru ava ngaho abivuga ,amenyesha ko mugihe abapolisi bari mugikorwa co gukinzura (patrouille)muri zone ya cibitoke ,abo bapolisi bakaba baciye baterwa ama grenade nabantu 3 ,inyuma yo guterwa iyo grenade abo bapolisi bakurikiye abo babateye igrenade ,ariko mugihe babakurikira baciye barwa mumasasu yabantu babarasa ,arinako guca haduka ukurasana yabo barasa hamwe n’abapolisi.

cib

Inyuma yo gutana mu mitwe kwabo basore n’abapolisi , abo bose batanu bakaba baciye bahasiga ubuzima ,mugihe kuruhande rw’igipolisi bivugwa ko umupolisi umwe yahasize ubuzima uwundi arakomereka cane.

UBM News tubibutseko Ibi bibaye inyuma gusa yamasaha make uBurundi bwari bwaraye bugiranye ibiganiro n’ubumwe bwa Buraya

cibk

cibitk

ci