Umukuru w-umuvugambwe CNDD ariwo wahavuye ukomokamwo ukiri mw-ishamba umuhari CNDD-FDD, ubu ari umugambwe urongoye igihugu kuva mu mwaka w-2005, amenyesha ko ubutegetsi bw-umugambwe CNDD-FDD bwari bukwiye nyabuna gutunganya ibirori vy-umusi wo guhagarika intambara aho kwama buhimbaza ubukozi bw-ikibi. Leonard NYANGOMA abishikirije inyuma yaho umugambwe CNDD-FDD utanguriye kuri uyu wa kabiri indwi yahariwe umurwanyi wo mw-uwo mugambwe.
ˮubwa mbere hoho ntawuhimbaza ingwano, indwi yahariwe umurwanyi kuko ingwano burya ni ikintu kibi gihitana abantu , eka ingwano ni ibikorwa biba inzira zose zo gutorera umuti ibibazo mu mahoro vyanse. Kuja mu ngwano rero, twe ntitwabishaka twari twabonye ko izindi nzira zose zase gushika. Ico nobahanura rero, umukuru w-umugambwe uri ku butegetsi, baragahimbaza tuvuge umusi wo guhagarika ingwano, umusi wo gutera igikumu ku masezerano y-i Arusha, umusi wo kuvavanura n-ingwano‟ Niko Nyangoma asigura , hari kuri Radiyo ijwi ry-abanyagihugu RPA.
Uwo munyepolitike afatwa nk-inararibonye mu babaye abambere mu kuja kurugamba rwo guhabuza demokarasi mu Burundi mu mwaka w-1994 ahanura abarongoye umugambwe CNDD-FDD ko nyabuna aho guhimbaza umusi wahariwe umurwanyi bohimbaza ibiterwa n-ingwano maze igihugu ntigisubire kuzokwama kigaruka mu ntambara. Abivuga uku :
ˮBohimbaza rero ibintu vyose bijanye no kuva mu karenganyo kuko ingwano iterwa n-akarenganyo, ingwano iterwa kenshi na kenshi aho tugeza amaso gukumira abandi, iterwa n-ubwicanyi , guhonyanga amategeko n-agateka ka zina muntu , kwiba amatora,…‟
Recent Comments