UBM News ads
Monday, December 4, 2023
No menu items!
UBM News ads

Leonard NYANGOMA avuga iki ku musi wahariwe umurwanyi wo muri CNDD-FDD?

Umukuru w-umuvugambwe CNDD ariwo wahavuye ukomokamwo  ukiri mw-ishamba umuhari CNDD-FDD, ubu ari umugambwe urongoye igihugu kuva mu mwaka w-2005, amenyesha ko ubutegetsi bw-umugambwe CNDD-FDD bwari bukwiye nyabuna gutunganya ibirori vy-umusi wo guhagarika intambara aho kwama buhimbaza ubukozi bw-ikibi.  Leonard NYANGOMA abishikirije inyuma yaho umugambwe CNDD-FDD utanguriye kuri uyu wa kabiri indwi yahariwe umurwanyi  wo mw-uwo mugambwe.Stream Avec le Président du CNARED l'honorable NYANGOMA Léonard by Radio  BUJUMBURA Inter | Listen online for free on SoundCloud

ˮubwa mbere hoho ntawuhimbaza ingwano, indwi yahariwe umurwanyi kuko ingwano burya ni ikintu kibi gihitana abantu , eka ingwano ni ibikorwa biba inzira zose zo gutorera umuti ibibazo mu mahoro vyanse. Kuja mu ngwano rero, twe ntitwabishaka  twari twabonye ko izindi nzira zose zase gushika. Ico nobahanura rero, umukuru w-umugambwe uri ku butegetsi, baragahimbaza tuvuge umusi wo guhagarika ingwano, umusi wo gutera igikumu ku masezerano y-i Arusha, umusi wo kuvavanura n-ingwano‟ Niko Nyangoma asigura , hari kuri Radiyo ijwi ry-abanyagihugu RPA.

Uwo munyepolitike afatwa nk-inararibonye mu babaye abambere mu kuja kurugamba rwo guhabuza demokarasi mu Burundi mu mwaka w-1994 ahanura abarongoye umugambwe CNDD-FDD ko nyabuna aho guhimbaza umusi wahariwe umurwanyi bohimbaza ibiterwa n-ingwano  maze igihugu ntigisubire kuzokwama kigaruka mu ntambara.  Abivuga uku :

ˮBohimbaza rero ibintu vyose bijanye no kuva mu karenganyo kuko ingwano iterwa n-akarenganyo, ingwano iterwa kenshi na kenshi aho tugeza amaso gukumira abandi, iterwa n-ubwicanyi , guhonyanga amategeko n-agateka ka zina muntu ,  kwiba amatora,…‟

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments