Abarwanyi 19 b-umuhari RED-TABARA igihugu c-urwanda giheruka guha Leta y-uburundi bagiye gushirwa imbere y-ubutungane . Vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri na Petero Nkurikiye, umuvugizi w-ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n-umutekano imbere y-abamenyeshamakuru
Uwo avugira ubwo bushikiranganji yemeje ko amatohoza kuri abo barwanyi b-umuhari RED-TABARA bari mu mirwi y-iterabwoba bahungabanya umutekano mu gihugu c-uburundi batanzwe n-igihugu c-urwanda yarangiye. Petero Nkurikiye yavuze ko abo barwanyi bagiye gushirwa imbere y-ubutungane kugira bacirwe imanza.
Tubamenyeshe ko abo barwanyi 19 b-umuhari RED-TABARA batanzwe n-igihugu c-urwanda inyuma yo gufatirwa ku butaka bw-ico gihugu hari mu kwezi kw-icenda mu mwaka w-2020.





Recent Comments