Thursday, June 8, 2023
HomeUbutunziKwihutira gushora umwimbu mu bihugu bibanyi ngo ni ubujuju (Perezida Ndayishimiye)

Kwihutira gushora umwimbu mu bihugu bibanyi ngo ni ubujuju (Perezida Ndayishimiye)

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye avuga ko abarundi bihutira gushora umwimbu mu bihugu bibanyi ari ubujuju. Perezida Ndayishimiye yabishikirije mu kiganiro aheruka kugirana n’umumenyeshakuru Jerome Niyonzima .

Uwo mumenyeshakuru yabajije Perezida Ndayishimiye ati :”Abantu bihutira gushora umwimbu mu bihugu duhana imbibe ubwo navyo ntushobora gusanga bateye inzara kandi mu bantu?”
Perezida Ndayishimiye yishuye uku:”Burya n’ubujuju”.

Agasigura ko ababigira baba barenze ku mategeko y’igihugu kuko ngo ibintu bishoka biba vyanditse n’amafaranga bizokwinjiza azotuma abarundi bikenura.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...