Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye avuga ko abarundi bihutira gushora umwimbu mu bihugu bibanyi ari ubujuju. Perezida Ndayishimiye yabishikirije mu kiganiro aheruka kugirana n’umumenyeshakuru Jerome Niyonzima .
Uwo mumenyeshakuru yabajije Perezida Ndayishimiye ati :”Abantu bihutira gushora umwimbu mu bihugu duhana imbibe ubwo navyo ntushobora gusanga bateye inzara kandi mu bantu?”
Perezida Ndayishimiye yishuye uku:”Burya n’ubujuju”.
Agasigura ko ababigira baba barenze ku mategeko y’igihugu kuko ngo ibintu bishoka biba vyanditse n’amafaranga bizokwinjiza azotuma abarundi bikenura.