Ibiro vy’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Guinée Equatoriale bitangaza ko vyaronse imfashanyo y’amatoni 25 y’umuceri utanzwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uburundi Angeline Ndayishimiye. Uwo muceri ukaba warungikiwe Fondasiyo Constancia Mangue Nsue Okomo irongowe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Guinee Equatoriale Don Constancia Mangue de Obiang.
Nkuko tubisanga ku rubuga rwa Leta ya Guinée Equatoriale, Indege y’ico gihugu yaje ipakiye amatoni 25 y’umuceri yarashitse ku kibuga c’indege c’i Malabo ivuye i Bujumbura mu gihugu c’uburundi hari kuwa gatatu w’indwi iheze igenekerezo rya 29 Ntwarante 2023.
Uwo muceri ugizwe n’imifuko igihumbi y’ibiro 25 ukaba waje gushigikira umugambi wo gufasha abantaho nikora usanzwe ushigikiwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Guinee Equatoriale.
Hakibonwa indege y’igisirikare yo mu gihugu ca Guinee Equatoriale iriko ipakira uwo muceri ku kibuga c’indege ca Bujumbura hari mu ndwi iheze, haravuzwe amajambo menshi ndetse hanibazwa ibibazo bitari bike: bamwe bati yoba ari ingabire igihugu c’ubushinwa giheruka guha uburundi igiye kugurishwa mw’ico gihugu ca Equatoriale, ayandi makuru yaje ava mu bategetsi bamwe bamwe yamenyesha ko uwo muceri ushiriwe abasirikare b’uburundi bari mu gihugu ca Congo, mu ntara ya Kivu y’uburaruko mu mugambi wa EAC wo kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo. Ariko ico abarundi benshi bagiye bahurizako ni ku kukijanye n’ukuntu umuceri nkuyo ujabutswa imbibe z’igihugu kandi abarundi batari bake bari mu bihe vy’inzara ndetse n’iduga ry’ibiciro ridasanzwe ku masoko. Kubwabo, babona ko uwo muceri wari guhabwa imiryango yugarijwe n’inzara canke ugashirwa mu mashure y’indaro canke mu mabohero nayone iki gihe ariko avurwamwo ubwo bukene bw’ibifungurwa.
Leta y’uburundi ntaco irashima kugira ico ivuze kw’ayo makuru y’uwo muceri uheruka gutangwa n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uburundi Angeline Ndayishimiye kuri mugenzi we wa Guinée Equatoriale Don Constancia Mangue de Obiang.
Recent Comments