Amakuru ava kuri uwo mutumba avuga ko uwo musore bamukubise bamwagiriza ko yivye ibigori mu murima. Ayo makuru amenyesha kandi ko bahejeje kumukubita, kuri uyu wa gatanu mw’ijoro, baciye bamujana ku kirindiro c’abaporisi nabo baranka kumwakira kuko ngo yari yasinzikaye cane. Mu gatondo ko kuri uyu wa 6, basanze yapfiriye hafi ya zone Murengeza.
Abanyagihugu bo ku mutumba Murengeza bavuga ko bamwe mu bagirizwa ico caha bamaze guhunga.
Mu gipolisi naho bamenyesha ko amatohoza yatanguye, kandi ko bagerageza guhanura kugira ngo barabe ko iyo ngendo yo kwihanira yohera burundu kuko hari naho uwo bihaniye akenshi usanga arenganijwe mu gihe abo bamuhohoteye batoshobora no kumuha indishi y’akababaro canke ngo bamuvuze mu gihe yasinzikaye.
Recent Comments