Perezida Ndayishimiye afata Perezida Museveni nk-umuvyeyi w-uburundi, imvugo iriko ivugisha benshi.

0

Mu rugendo yaramazemwo imisi mu gihugu ca Uganda, Perezida Evariste Ndayishimiye yarashoboye kubonana na mugenziwe Yoweli Kaguta Museveni wa Uganda aho baganiye kuvyo gufashanya n-ico gihugu mu migambi y-iterambere.Diplomacy: Key takeaways from President Ndayishimiye and Museveni’s tete-a-tete

Ikiyago kigeze hagati caryoshe , Perezida w-uburundi Evariste Ndayishimiye ati :ˮnyakubahwa perezida, wewe tugufata nk-umuvyeyi w-igihugu cacu kuko waritanze wewe nyene mukugira turonke amahoro ndetse habe no gusubiza hamwe mu barundi‟. Kw-iyo mvugo ya Perezida w-uburundi, bamwe bavuga ko umukuru w-igihugu yakoresheje imvugo isuzugura igihugu arongoye ubu kuko uburundi ngo bwamye ari igihugu c-igenga kandi atawundi muntu wo hanze yaco yokirongora canke aciyitirire.Bakongera bati iyo mvugo yakunzwe cane gukoreshwa n-uwo mwubahwa aho ubuheruka igihe yari yagendeye mugenziwe w-igihugu ca Tanzaniya umuhisi Perezida Magufuli, Evariste Ndayishimiye yise Magufuli ko ari se wiwe yongera yita umuhisi Perezida w-uburundi Petero Nkurunziza yaragira asubirire ko ari sekuru wiwe.Abandi bakavuga ko izo mvugo ziguma zikoreshwa na Perezida Ndayishimiye ashikiriye bagenziwe zerekana neza ko ari umuntu agendera mw-ibaba ry-uwundi mugabo ko ahubwo yari kwiyemera mu kwerekana ico ashoboye mukurongora igihugu bikunze akasaba ubufasha ariko ntiyerekane ukwikurako icubahiro ahabwa n-ibwirizwashingiro ry-igihugu c-uburundi.

Hakaba n-uwundi murwi w-abarundi uvuga ko  kubona Perezida w-uburundi akunda gukoresha majambo nkayo biri m-ukuntu akunda kuganira ko rero atowobimuhora arikwo ameze kandi ko ataco vyonona mukwo atwaye igihugu c-uburundi.