Abo ni abakora mu gisata c’ amagara y’ abantu ariko batari abaganga( abize ivya laboratoires, assainissement , soins infirmiers, Sages-femmes, …)
Nkuko bimenyeshwa na Mélance Hakizimana aserukira amashirahamwe y’ abo bunganira abaganga, akaba anarongoye Sendika SYNAPA ngo ibisata vyabo ntivyigenga .
” Mu gisata c’amagara y’abantu imyuga yose yatunganijwe bafatiye ku mwuga w’abaganga, igaca ifata ibindi bisata vyose vy’ubuvuzi ko bose ari abafasha b’abo baganga. Ubumenyi bwose baba barakuye mu mashure bagafata ko bategerezwa guhabwa uruhusha n’abaganga kugira babukoreshe. Mu bisanzwe yari imyuga yuzuzanya .
Kabdi ati s’imyuga umwe uvuga ngo jewe nza gutegeka uwundi mwuga . Oya. Ni imyuga yuzuzanya umwe wese akeneye gutera imbere mu mwuga wiwe ku neza y’umugwayi.”
Ikindi Mélance Hakizimana asigura ni uko usanga ivyo bisata birongowe n’ abaganga kandi nabo atarivyo bigiye.
Ku bwiwe, ivyo ngo biratuma hari n’ amakuru batamenya ku bijanye n’ imyuga yabo uko itandukanye kuko ngo mu muryango wa Afrika yo mu buseruko uburundi ngo ni bwo butarashiraho izo nzego.
Iyindi ntambamyi nuko iyo bagomvye kwiyongeza ubumenyi ngo ntiboroherezwa muri kaminuza y’ uburundi mu vyigwa vyayo vy’ igice ca kabiri .Uwo yaserukiye ayo mashirahamwe avuga ko mukwinjira ngo hatangwa ikibazo ku vyigwa vy’ ubuvuzi gusa bigatuma batemererwa kubandanya ayo mashure.
Agasaba Leta ko yobafasha nabo bagatunganirizwa ku ngorane zose zijanye n’imyuga yo mu gisata c’amagara y’abantu, mu gushiraho:
 Ivyigwa vyo mu gice ca kabiri c’amashure ya Kaminuza ku bindi bisata vyose bitari Santé Publique na Santé environnementale mu kigo ca INSP.
 Amategeko agenga ibisata vy’amagara y’abantu ahurikiyemwo bose.
– Ubuyobozi bujejwe ikwirikiranwa ry’imyuga y’abavuzi atari abaganga mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu.
Yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno w’ Imana igenekerezo rya 16/5/2021 mu nyubakwa za centre communautaire i Bujumbura.
Recent Comments