Muri iyi misi ya vuba haribonekeza abantu basa n’abariko birengagiza ingingo ya reta y’Uburundi yategesgetse abiyunguruza bose mu miduga yunguruza abantu ko bategerezwa kwambara agafukamanumwa haba mu gisagara canke mu gihugu hagati.
Ariko rero ubu ushitse ku bituro vy’amabisi, usanga umuntu uwe canke babiri aribo bambaye agafukamunwa, maze aba na bariya bakibaza nimba koko itegeteko ryatanzwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagato mu gihugu ryarahagaze.
Mwokwibuka ko reta y’Uburundi eka nibindi biharuro bibandanya vyerekana ko abandura umugera wa Koronaviris mu Burundi babandanya biyongera.
Mu kiganiro umukuru w’ighugu yagiranye n’abarongoye ibinyamakuru mu Burundi, yumviswe asa n’wuvuga ko ‘kwambara agafukamumwa bidahambaye cane’ ahubwo ko gukaraba keshi n’amazi n’isabuni bifasha gusumba ‘agafukamunwa kubera kwambara agafukamunwa vyagwije incuro abantu bikora ku minwa navyo bikarwiza ukwandura umugera wa Coronaviris‘ niko Ndayishimiye yamenyesheje.
5. Dès demain 13/1/2021, le port du masque sera obligatoire pour les conducteurs, convoyeurs et rabatteurs du transport en commun.
6. Jeudi le 14/1/2021, le port obligatoire du masque sera étendu à tous les passagers du transport en commun.— MininterInfosBi (@MininterInfosBi) January 12, 2021
Inyuma y’iryo jambo, vayagaragarye ko abatari bake na cane cane mu gisagara ca Bujumbura baciye baheba ingingo yo kwambara agafukamaunwa maze n’abapolisi nta na kimwe bagikora mu gukirikirana abatambara agafukamunwa.
Gushika ubu itegeko rytanzwe n’ubushuikranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ryo kwambara agafukamunwa nta rindi riraza ririihindura.
Mwe mubona ko ukwambara agafukamunwa ku biyunguruza mu miduga haba mu gisagara canke mu gihugu hagati vyobandanya?