UBM News ads

#Covid-19: ‘Twarengewe n’ico kiza’, niko bamwe bamwe bavuga.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amakuru atandukanye avuga ko ikiza ca Koronavirisi kiriko gikwiragira cane mu gihugu c’Uburundi eka mbere no mu gihugu hagati.

Ayo makuru ataremezwa na reta ibicishije ku bushikiranganji bw’amagara y’Abantu nk’uko bamwe bamwe babishira ahabona, ico kiza kiriko kiratandukira mu mashure yisumbuye mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara zimwe zimwe mu gihugu hagati.

Inkuru imwe ivuga ko kw’ishure ry’isumbuye rya Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura, Petit seminaire de Kanyosha, abanyeshure bashika kw’100 batowe ico kiza Koronavirus.

Ayandi makuru akavuga ko no mw’ishure ryisumbuye ry’indaro ryo mu ntara ya mwaro, abanyeshure bashika ku 40 batowe ico kiza ca Koronavirus.

Isoko ry’iyi nkuru rikamenyesha ko abo banyeshure bo mu Kanyohsa bataremvye cane ahandiho ‘ryoba ibara ku gihugu’.

Mu ntara za Kayanza na Muyinga na Ngozi ico kiza nticasigaye inyuma. I Makamba naho nyene n’uko.

Ubwo reta ntiyoraba igafata ingingo yo kwugara mu kirikngo kanaka amashure hamwe n’amashengero mu kugabanya ico kiza?

Mwebwe mubona reta yokora iki mu kugabanya ukurandagata kw’ico kiza ca Koronavirus?

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments