Bujumbura: Grenade yahitanye umwe abandi bane barakomereka

0

Mu gisagara ca Bujumbura, muri Zone Buyenzi, hatewe i grenade yahitanye umuntu umwe hamwe n’abandi bane bakomeretse.

Nk’uko igipolisi kibivuga, iyo grenade yatewe mu gace kitwa Kinogono mu Buyernzi kw’ibarabara rya kabiri, hakaba hari uyumusi wa kane nk’isaha umunani z’ijoro.

Umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye akaba avuga ko hari abantu batatu bafashwe bikekwa kugira bakorweko amatohoza.

Ico gitero kikaba cahitanye nyene iyo parcelle muri Zone Buyenzi nk’uko igipolisi kibishira ahabona.

Muri iyi misi ya vuba haribonekeje cane ubugizi bwa nabi aho na cane cane mu ntara za Bujumbura, Mwaro, Bururi hibonekeje abantu bakoze ibitero maze baranica n’abantu.