UBM News ads

Kuva ashitse ku butegetsi, Perezida Ndayishimiye ntaco yigeze ahindura mu vy-ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu (Human Rights Watch).

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu kw-isi Human Rights Watch  riranegura ingene Leta zunze ubumwe za Amerika hamwe n-umuryango w-ubumwe bwa buraya ku kuntu baguma biyobagiza ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu rikorwa na Leta ya Perezida Ndayishimiye. Human Rights watch igasaba Leta zunze ubumwe za Amerika hamwe n-ubumwe bwa buraya  kudahesha mu kugondoza Leta y-uburundi  kugira yubahirize  agateka ka zina muntu.  Biri mw-itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2022.Burundi: Évariste Ndayishimiye prête serment devant une grande foule [Jean  Mitari – Jambonews, 19.06.2020] - L'HORA

Kuva ashitse ku butegetsi mu mwaka w-2020, Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye ntaco yigeze ahindura  mu bijanye  n-ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu . Mu rwandiko rwashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri na Human Rights Watch, rimenyesha ko abantu baguma bicwa, bagafungwa bazira ubusa , abandi nabo bagatotezwa atacamira. Ahanini ivyo bigakorwa n-urwaruka rwegamiye umugambwe CNDD-FDD, imbonerakure, inzego z-umutekano  n-iyindi mirwi y-inkozi z-ikibi. Human Rights Watch ikavuga ko inegura cane ingene Leta zunze ubumwe za Amerika  co kimwe n-ubumwe bwa buraya  bitegekanya gukuraho ibihano  Kuri Leta ya Perezida Ndayishimiye mu gihe ivyatumye ifatirwa ibihano kuva hagitwara umuhisi Perezida Nkurunziza ata nakimwe kirahinduka .

Iryo shirahamwe mpuzamakungu rijejwe ivy-agateka ka zina muntu rikamenyesha ko  naho harimwo ibinyamakuru vyigenga vyuguruwe mu Burundi, na bamwe mubaharanira agateka ka zina muntu barekuwe, hakiri vyishi bigihaze : gushika ubu abatavuga rumwe na CNDD-FDD baracahohoterwa, abandi bagahirwa  hatibagiwe abaharanira agateka ka zina muntu bashizweko imitahe y-akarenganyo bari mu buhungiro bakanacirirwa imanza bidakurikije amategeko . Vyongeye, Human Rights Watch ivuga ko ahanini ivyo umukuru w-igihugu c-uburundi  yemereye abarundi  n-amakungu mu ndahiro yiwe mu bijanye  no kunywanisha abarundi  mu ndyane zihitiye  mu gihugu  ata na kimwe yigeze ashira mu ngiro. Ivyo bigaragarira  ku mabi akorwa  mu gihugu  na bamwe mu bagize intwaro yiwe  hamwe n-ibiziga bidasiba gutorwa  hirya no hino mu gihugu  na cane cane  ku nkengera z-uruzi Rusizi mu ntara ya Cibitoke n-ahandi.

Human Rights Watch imenyesha ko bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu  basigaye mu Burundi  bavuga ko abantu barenga ijana aribo bamaze gupfa  mu gihugu mu mwaka urenga Evariste Ndayishimiye amaze ari ku butegetsi . Ayo mashirahamwe akabandanya asaba ayari hanze kusemerera kugira habe impinduka ku bwicanyi  n-ayandi mabi abarundi barimwo.

Kubwa Human Rights Watch, ngo kuba Leta Zunze ubumwe za Amerika n-ubumwe bwa buraya ataco bivuga ku biba mu Burundi sukwo batabibona ahubwo nuko vyahisemwo kwirabira hirya vyizeye ko Leta ya Perezida Ndayishimiye izikubita agashi ikubahiriza agateka ka zina muntu, ivyo itariko irakora uyu musi  kuko ubwicanyi n-ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu aho kugabanuka, birushirizaho kwiyongera mu Gihugu.

Human Rights Watch isaba nyabuna  Leta zunze ubumwe za Amerika  n-ubumwe bwa buraya kudahengeshanya kugondoza Leta ya Evariste Ndayishimiye  kugira agateka ka zina muntu mu Burundi kubahirizwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments