Sunday, March 26, 2023
HomeNewsAbayobozi bakuru batatu harimwo Albert MANIRATUNGA bafungiwe mw-iperereza.

Abayobozi bakuru batatu harimwo Albert MANIRATUNGA bafungiwe mw-iperereza.

Abayobozi  bakuru batatu aribo: Maniratunga Albert ajejwe igisata co gutwara abantu n-ibintu, Ngendakumana Venant ajejwe ubudandaji  hamwe na Ingénieur  Emmanuel Manirakiza  ajejwe itunganywa ry-ibitoro  bafungiwe mu gasho  k-iperereza  i Bujumbura guhera kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2022.Albert Maniratunga : « « Inadmissible et scandaleux ! » – IWACU

Iryo hagarikwa rishitse inyuma yaho habaye inyinyurana  hagati y-umushikiranganji w-ubudandaji  no gutwara abantu n-ibintu Marie-Chantal NIJIMBERE hamwe n-abo bayobozi banatako basohora urwandiko ruhakanira umushikiranganji  ko batarota bisubirako ku ngingo yo kuduza ibiciro  vyo kwiyunguruza  umushikiranganji Marie-chantal NIJIMBERE yarahejeje  guhagarika.

Tubamenyeshe ko hari haciye imisi, uwo murwi w-abayobozi bakuru batatu batangaje ko ibiciro vyo kwiyunguruza bidugijwe ku rugero rwa 25% , ingingo yababaje abanyagihugu  kubera batumva ingene igitoro  coduzwa ku rugero rwa 12 %   ariko ibiciro vyo kwiyunguruza  vyo bikaduzwa ku rugero rwa 25%. Amakuru ataremezwa ariko ariko avurwa na bimwe mu bihangange vyo mu mugambwe CNDD-FDD, nuko Abo bayobozi bakuru bashora guca basezererwa mu mabanga yabo , ko bishitse bagahabwa ikigongwe mu kugenwa mu yandi mabanga,  uwitwa Albert Maniratunga wewe adashobora kwihanganirwa na gatoya kuko amaze gukora amakosa menshi ntababarirwa.

Must Read