Igihugu ca Uganda categetswe na sentare mpuzamakungu CPI kuriha Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo imiriyoni 325 z-amadorari y-abanyamerika kubera uruhara rudasanzwe yagize mu ntambara yabereye mu ntara ya Ituri , hagati y-umwaka wa 1998 na 2003.
Abacamanza ba CPI batangaje ko basanze ko Uganda ariyo yateje impfu nyishi z-abantu bari hagati ya 10.000 na 15.000 mu ntara ya ITURI isanzwe iri mu burasirazuba bwa Congo. Abo bacamanza banasanze ingabo za Uganda zaranasahuye ubutunzi kama bwa Congo nk- Inzahabu, ubutare bwa Diyama (diamant), hamwe rero n-ibiti bivamwo imbaho z-agaciro bizwi nka Timber.
CPI ikaba yategetse Igihugu ca Uganda kuriha ayo mafaranga mu biringo bitanu, buri mwaka kikazoriha imiriyoni 65 z-amadorari y-abanyamerika , hagati y-uy-umwaka wa 2022 nuwa 2026, ikiringo ca mbere uganda ikazokiriha bitarenze mu kwezi kwa Nyakanga uy-umwaka turimwo.
Tubamenyeshe ko Republika ya Congo iharanira intwaro rusangi yari yasavye indishi ya miriyaridi 11 z-amadorari y-abanyamerika , ariko abacamanza ba CPI ntibahaye agaciro bimwe muvyari mu birego Congo yari yaratanze, niko guca bafata ingingo yo kurihisha Uganda indishi y-amadorari 325 y-abanyamerika , amahera ari hasi cane n-ayo Congo yari yasavye .





Recent Comments