UBM News ads

Kuki Evariste Ndayishimiye aguma yihindukiza mw’ijambo ? koba ari ugutsindwa ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Imvugo PrĂ©sident Neva yaramaze imisi afise,ubu asa nuwuriko yihindukiza bukebuke mw’Ijambo!
Abantu nka Neva muze mubatinye,Abantu ivyo Avuze iyindwi mu yindi aba abivuguruje abo ni Abantu babi cane,nta bwizigirwa baba bafise!
Neva yatanguye ari umuhuza(Facilitateur)hagati ya M23 na Leta ya Tshisekedi,haheze akanya gato, nguyo ivy’Ubuhuza aba arabivuyemwo,ahubwo arungika Ingabo Kurwana na M23. Ku Rugamba Vyanse kubera ingene Ingabo z’uburundi zagiye zirahemukirwa nabazirungitse hamwe nabo zagiye gufasha,Neva nagashavu kenshi yasa n’Umuntu agiye gukozanyako n’Urwanda(Intambara)

Haheze akanya nguyo Neva Avuye muri Ethiopia,yagarutse ya mvugo yayisizeyo,yaje azanye ayandi majambo yerekana ko ashobora kuba yavuganye na Kagame nubwo yabihishije akavugako yavuganye n’ibihugu bigenzi vya Kagame!
Uyu Neva nyene,nguyo atanguye kwita FDLR (Abahutu bo Mu Rwanda)ko ari umurwi w’iterabwoba ko utegerezwa gutuzwa atan’ukwezi kurahera bisa nkaho FDLR bari basangiye urugamba rumwe rwo gutuza AFC/M23.
Dusubiye inyuma gato,mwibuke ko PrĂ©sident Neva yama agirana Ibiganiro na PrĂ©sident Kagame mw’Ibanga rikomeye kugira aba CNDD FDD ntibamwinube,kuko muri CNDD FDD harimwo Abantu benshi batifuza imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda! Yanka ko bagenzi be bomwagiriza guhemuka canke kugurisha igihugu!

Mu myaka iheze hoho,Igendereza ry’Urwanda ryarakoreye cane PrĂ©sident Neva,nigihe bavuzeko hahatswe Coup d’Etat ni Igendereza ry’Urwanda ryabipfubije mukubimenya ibara ritaragwa kuko yari agicuditse cane narwo!
No mwipfungwa rya Bunyoni,Urwanda rubifisemwo uruhara runini cane,kuko Leta y’urwanda yarakurikirana TĂ©lĂ©phone za Bunyoni mu buhinga bwa none!
Kandi Urwanda rusanzwe rubikora no kubandi Butegetsi bakuru bo mu Burundi,harimwo nuwutwara Igisirikare c’ubirundi!

Neva rero ni umuntu agoye cane kwizigira,ni umuntu ahindagurika umwanya ku mwanya, kandi iyo ni Faiblesse ikomeye!
Ubwo bugenzi bwabo na Kagame mwarabonye ko atamwanya bwamaze,aba arahindutse,aba arongeye kwugara imipaka,…kugeza Aho bagiye gusekanira muri Congo!
Nubu rero,harashobora kuba hariko haraba Ibiganiro hagati yabo,kugira bikunde Neva ntihagire akamuciramwo agume ku Butegetsi,
Gusa Neva na CNDD FDD yiwe,ico bomenya,naho agomba gutakambira Kagame ngo ntibamutere
Hazogera igihe Abarundi ubwabo bavyikorere kuko hazogera igihe Abantu barambirwe bave hasi biyahure,kuko nubundi umuntu akwicisha inzara n’ubukene aba yarakwishe hakabura imva!
Kuko nubundi Uburundi ntaho butandukanye n’Igihugu kiri mu ntambara, Uyu musi ntagitoro mugira,amahera ngayo yarabaye ibipapuro,nta internet mugira,nta sukari mugira,nta nzoga mugira,amabarabara yaraheze,amashure ntagira intebe n’abigisha,….aka nkavyose umuntu akenera ntabihari!
Mu myaka uburundi bwari mu ngwano ivyo vyose vyari bitunganye neza!

Nukuvuga CNDD FDD ntakamaro ntakintu wovuga nakimwe yaje ihindura ku Burundi,ahubwo yaparanganishije ni vyari bihari.
Turetse gusa kuba yarashoboye kubika Ubwoba bwa kahise mu Burundi nta kindi!
Uyu musi CNDD FDD ikubwirako ivuye ku Butegetsi ko Intambara yoca itera,
Hari Intambara iruta iyo murimwo uyu musi?

Bakumvisha Abahutu ko Abatutsi Boca bagifata,none mwebwe ko mwagifashe muri Abahutu,niki mwokwirata mwamariye Abahutu!??
Uyu musi hari Impunzi zingana iki z’Abahutu inyuma y’Igihugu?
Aba jeunes bashomerereye muhira Abenshi si Abahutu?
Abahutu mumaze kuburiza ubuzima bangana iki bazira ivyiyumviro vyabo?
Uyu musi Umututsi siwe yorohewe gusumba umuhutu mu Burundi!??
Ugiye mubuzi bwiza bwiza sibo bakora?
Mu ma Banks,NGOs,Hospitals, si Abatutsi gusa babirimwo?
Nimumbwire ico mwokwirata mwamariye Abahutu ngo nuko mwagifashe!
Uyu musi mubihugu nka Zambia,Malawi,Mozambique,Kenya… Si aba jeunes babahutu buzuye mu busho bagiye guhigayo ubuzima kubera ataco mwabamariye??

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments