UBM News ads

Abenegihugu koko barafise ababaserukira??

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abashingamateka baraye batangajwe n’inyifato y’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Prosper Dodiko na Marie Chantal Nijimbere ajejwe ubudandanji kubona ibigori vyegeranijwe n’ikigo ANAGESSA biriko biraborera mu bubiko mugihe ku masoko ibiciro vy’intete n’ifu vyo bibandanya kuzamuka uko bukeye uko bwije ariko bakanka kubishira kumasoko.ikindi babategeka kurima ariko bakabima umwavu none ibi bintu bizoherera he?

abashingamateka bemeza ko ingaruka mbi bizozana biri kugatwe ka bano bashikiranganji 2 kandi ko bitebe bitebuke bazobibazwa.

kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 ruhuhuma 2025 mu nama nshingamateka,umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Prosper Dodiko hamwe na Marie Chantal bari abatumire mu nama nshingamateka aho bishuye kubibazo vy’abashingamateka cane cane kukibazo c’ibigori vyegeranijwe n’ikigo ANAGESSA.

Abashingamateka baraye bababajwe no kumva ko ibigori vyegeranijwe n’ikigo ANAGESSA vyinshi biriko biraborera mu bubiko kandi ku masoko ibiciro vy’intete n’ifu bikomeza kuzimba ariko ibi bigori ntibidandazwe.

Abashingamateka bemeza ko bitebe bitebuke ibizoshika vyose vyose bano bashikirangaji 2 bazobibazwa kuko icambere iki kigo cahawe gukoresha imiriyaridi 145 z’amafranga y’amarundi kugira kigure umwimbu w’ibigori.

Ariko aho bigeze biramaze kuboneka ko Leta Bizogorana kuyagaruza,ikindi hari intara nyishi nka Bururi,Mwaro n’izindi zidafise ibigori ariko bino bigori biri kubora ibi bikaba vyababaje abashingamateka.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments