Mu kiganiro cihariye n’umukuru w’inama nshingamateka Gelase Ndabirabe,Hawa Cissé Wagué aserukira i Banki y’isi yose mu Burundi avuga ko ifaranga ry’uburundi ryatakaje agaciro kurugero rwo hejuru.
Hawa Cissé ati”:Uburundi buri mu bihe bidasanzwe muvyo ubutunzi,Leta n’igerageze gukemura ikibazo c’ikena ry’igitoro n’ifaranga mvamakungu.”

Mu kiganiro cihariye n’uwurongoye inama nshingamateka y’uburundi Daniel Gélase Ndabirabe,Hawa Cissé Wagué aserukira i banki nkuru y’isi yose mu burundi yemenyesheje ko uburundi buri mu bihe bidasanzwe mu vyo ubutunzi.
Uwo aserukira i banki y’isi,yemeza ko ifaranga ry’uburundi ryatakaje agaciro kurugero rwo hajuru maze ibiciro ku vyankenerwa bikomeza kwiyongera ku murindi munini.
Hawa Cissé Wagué asaba abarongoye igihugu kugira utwigoro tuboneka mu gukemura ibibazo vy’ikena ry’igitoro uyu musi cugarije igihugu hamwe n’ifaranga mvamakungu uyu musi ryabaye umuzi w’ibuye mu gihugu.
Ibanki nkuru y’isi isanzwe ifasha uburundi mu bisata bijanye n’umuyagankuba,indero,amagara y’abantu n’indero aho itanga buri mwaka ayarenga imiliyaridi 1,8 vy’amadorari y’Amerika.





Recent Comments