Ingaruka zo kubura amazi mu gisagara zitanguye kwibonekeza:abantu 1497 baramaze gufatwa na Choléra 6 barapfa nkuko vyemezwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.
Buramatari w’intara ya Bujumbura Aloys Ndayikengurukiye asaba abarundi guhagarika kuramukanya,umuntu wese agire akazu ka sugumwe,Regideso nayo inyarutse gutanga amazi mu gisagara.

Mu nama yo kuwa 4 gitugutu 2025,Buramatari w’intara ya Bujumbura Aloys Ndayikengurukiye arikumwe Na muganga Liriane Nkengurutse ajejwe kurwanya indwara z’ivyaduka bakoze inama mu gisagara ca Bujumbura igamije kurwanya ikiza ca choléra kiriko kirarandagata na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.
Nkuko vyashikirijwe na Muganga Liriane Ndayikengurukiye yamenyesheje ko guhera muri nzero uyu mwaka kugeza kuwa 4 gitugutu 2025 abantu 1497 aribo bamaze kwandura choléra nayo 6 barapfuye.
Imvo z’ico kiza nkuko bishikirizwa na Muganga Liriane Nkengurutse nuko abatari bake bihereza amazi mabi,ubuzu bwa sugumwe burakenye no kudakora isuku.
Nayo Buramatari w’intara ya Bujumbura Aloys Ndayikengurukiye yasavye abarundi Cane cane mu gisagara ca Bujumbura guhagarika kuramukanya,kuba umwe wese afise akazi ka sugumwe nayo Regideso rigasabwa gutanga amazi meza mu turere tugeramiwe.





Recent Comments