Mu mihingo itandukanye y’igihugu haribonekeza umurindi munini w’abakozi ba Leta cane cane abarimu n’abaganga bari guta akazi bakagenda mu bindi bihugu nka Uganda,kenya,Zambia na Dubai. Ubuzima buzimvye mu Burundi,agashahara gato bahembwa n’imvo z’iki kibazo nkuko bamwe mubaganiriye na UBMNEWS bavyemeza.
Umwe mu barimu[..Niyonsaba] yigisha secondaire aha mu gisagara ca Bujumbura yagize ati:”nkubu uravye uko ibintu vyaduze,nkaba mpembwa 450mil ubona nzotunga umuryago gute,ndihe inzu,ntange ration,nigishe abana,,,ivyo nibike mvuze”.

Hamaze imisi hibonekeza umurindi munini w’abakozi ba Leta bari guta akazi aho benshi ari abarimu n’abaganga.
Kuwa 1 gitugutu 2025,akarere k’ubuvuzi ka kibuye kararangishije abakozi 3 bahora bahakora bataye ubuzi.nayo muri Lycée Rumonge hoho abashika 4 barataye akazi umwaka wa 2025-2026 ugitangura nkuko umuyobozi wa Lycée rumonge yandikiye umuyobozi w’indero mu ntara ya Burunga amumenyesha ko batakiri kukazi.
Nkuko vyagaragaye mu mwaka uheze wa 2024-2025,mu ntara za ngozi kayanza haribonekeje umurindi munini w’abarimu bari guta ubuzi bakigira Uganda na kenya.
Muri kaminuza y’uburundi hoho muri mpera za 2024,abakozi ba kaminuza y’uburundi bashika 118 barataye akazi nkuko umuyobozi wa kaminuza y’uburundi Audace Manirambona yandikiye umushikiranganji w’indero François Havyarimana abimumenyesha.
None biriko biva kuki?
Bamwe mubaganiriye na UBMNEWS bemeza ko ubuzima buzimvye mu burundi,bagahembwa agashahara gato ari imvo yo guta akazi.
Umwe[Fidel] tutashimye kuvuga izina yahora ari umuganga mu bitaro bimwe Aha mu gisagara ca Bujumbura yagize ati:”kubera ko agashahara turonka ari gato,ubuzima bukaba bwarazimvye biragoye ingene dutunga umuryango muri iki gisagara ca bujumbura”rero ntakundi nari kugira kugira umuryango ubeho nahisemwo kugenda Dubai kugira umugore n’umwana babeho.
Hari uwundi mwarimu mu ntara ya kera ya Mwaro uburi muri Gitega[Dieudonné]yahinduwe izina kumvo z’umutekano wiwe.Agira ati:”maze kubona ko agashahara ndonka ataco kakimfasha kandi bintu vyose vyarazimvye nahisemwo guheba akazi ngenda muri zambia kurondera ubuzima”.
S’ivyo imbeshere ubuzima bwarazimvye mu burundi ariko agashahara kaguma kwakundi nyene,ibigiye gutuma ibintu haba ingaruka mu bumenyi bw’abana ndetse n’abarwayi bitura amavuriro n’ibitaro bitandukanye.





Recent Comments