UBM News ads

CNDD-FDD ishaka gutahukana impunzi ku nguvu z’inyarugusu na Nduta-Petero Claver Mbonimpa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Petero Claver Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH atera akamo abarundi baba mu bihugu birimwo ambassade ya Tanzaniya kwiyamiriza amagorwa Tanzaniya iri gukorera impunzi z’abarundi ziri i Nyarugusu na Nduta,CNDD-FDD ikaba ibifisemwo ukuboko kunini kugira biyomore batahuke ku nguvu.

Izo mpunzi ubu bazimye ibifungurwa,amazi,kwivuza,gusenya,abana bankiwe kwiga,barakubitwa,baratotezwa ngo bikunde batahe kunguvu nkuko bivurwa na Mbonimpa.


Impunzi ziri muma kampi ya Nduta na Nyarugusu I Tanzaniya ziri muyabira.

Agatotezo bari gukorerwa na Leta ya Tanzaniya kararenze ngo bikunde batahe ku nguvu bakoranye na Leta y’uburundi.

Mu kiganiro ijambo ni rwawe gitunganywa na Radio RPA ku musi w’ejo igenekerezo rya 5 gitugutu 2025,Pierre Claver Mbonimpa yamenyesheje ko impunzi z’ abarundi ziri induta na Nyarugusu bariko barakorerwa amabi arenze urugero kugira birukanwe ku nguvu.

Izo mpunzi ubu zikaba zaragabanirijwe ibifungurwa bahabwa ibiro ndwi bimara ukwezi,kwima amazi,ntibasenya,ntibivuza,abana ntibaciga,gukubitwa buyoka,agatotezo n’ibindi nivyo izo mpunzi ziriko zirakorerwa.

Mbonimpa agatera akamo abarundi Bose bari mu bihugu birimwo ama ambassade za Tanzaniya kwiyamiriza ako gatotezo kariko karakorerwa impunzi z’abarundi.

Uwo arongoye ishirahamwe APRODH akemeza ko Leta ya CNDD-FDD ibifisemwo ukuboko kunini kugira bikunde izo mpunzi ziyomore.

Igitangaje kubwa Mbonimpa nuko n’abatashe abenshi bashika bagirirwa nabi abandi bakicwa narirya benshi muri izo mpunzi ari izakoze imyirekano yo muri 2015.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments