Kuberiki mu biteramo mu Burundi abaririmvyi bama ari babandi nyene?

0

Ugiye kuraba ibiteramo bibera hano mu Burundi usanga abaririmvyi baririmba muri ivyo biteramo ari babandi nyene,naho bataba bafise gishasha usanga ari babandi nyene.
black
Iyo habaye ibiteramo vyabaririmvyi bavuye mu makungu naho nyene abaririmvyi b’abarundi usanga bari murivyo biteramo kugira bafashe abo baririmvyi baba bavuye mu makungu usanga ari babandi nyene,umuntu akaca yibaza ikibazo ati:Mbega ntabandi baririmvyi mu Burundi bahari?
Mbega ntabaririmvyi bakicaruka baba bafise ingabirano idasanzwe bashobora gushigwa murivyo biteramo?
Ikinyamakuru ubmnews tukaba duteye akamo abasanzwe batunganaya ivyo biteramo ko boza barashiramwo abandi baririmvyi kugira umuziki w’uburundi utere imbere