Kubera iki hari Ubukene N’Iduzwa Ry’Ibiciro Ku Binyobwa Bimwe Bimwe Vya BRARUDI Mu Gihugu Hagati?

0

Mu ntara zo mu gihugu hagati mu Burundi, haribonekeza ubukene bw’ibinyobwa vya BRARUDI, ibibonetse navyo ugaca usanga bigurishwa ku biciro binini cane. Ivyo bikaba bimaze hafi ukwezi biri uko mu ntara zitarizike zo mu gihugu hagati nka Rutana, Gitega, Ruyigi, n’izindi.

Ibinyobwa vya BRARUDI bikenye cane ni Ikiyeri, Amstel. Ivyo binyobwa uko ari bibiri bisanzwe bikundwa n’abanyagihugu benshi bavyihereza. Ikibabaje nuko ubu ico kinyobwa arico kiyeri ubu usanga uwukigura akigura amafaranga ashika ku 1800, 1900 canke 2000 bivanye naho uwukigura akiguriye,aho ni mugihe igiciro kizwi na leta ku kiyeri ari amafaranga 1400. Ikinyobwa ca Amstel naco nyene gisanzwe gikundwa cane naco ubu kigeze ku mafaranga 2300, 2400 canke mbere 2500, mu gihe igiciro kizwi na Leta ku kinyobwa ca Amstel ari 1800.

Ishirahamwe rihingura ibinyobwa mu Burundi BRARUDI ribandanya rihingura naho hamwe na hamwe ivyo binyobwa bikena

Abanyagihugu bayaze na UBM News barababazwa nuko ivyo biciro biduzwa kuri ivyo binyobwa hamwe n’ikena ryavyo. Bamwe baribaza impamvu ivyo binyobwwa bikena abandi bakabura impamvu. “Witegegereje ku musi ku musi, ibimodoka vya BRARUDI ntibisiba gushomba ibinyobwa bija mu gihugu hagati, ariko ibinyobwa bikabura, ibibonetse navyo bikagurishwa ku giciro kivuna”, niko umunyagihugu umwe yavuze.

Umunyagihugu umwe atashimye ko tumuvga izina yatubwiye ko ikena n’ibiciro ku binyobwa vya BRARUDI bitumwa n’Uko abakorera ku ma dépôts y’ibinyobwa vya BRARUDI mu gihugu hagati basohora ibinyobwa bikeyi, hama ibisigaye bakabigurisha mu kanywababu ku giciro bishakiye aho usanga baca baduza igiciro kuri ivyo binyobwa maze ugasanga bishitse mu banyagihugu batobato igiciro kikaba kinini cane.

Uko biri kwose,biboneka ko iryo kena hamwe n’iduzwa ry’ibiciro ku binyobwa vya BRARUDI leta yoyo itabizi, ahubwo yibaza ko ibintu biguma bigenda uko biri. Hari n’abandi banyagihugu batubwiye ko iryo kena hamwe n’iduzwa ry’ibiciro ku binyobwa vya BRARUDI ari uko ubu ivyo binyobwa bijanwa cane mu bihugu duhana imbibe nka TANZANIA, Kenya na Uganda, kubera ko ibinyobwa v’I Burundi biryoshe cane muri ivyo bihugu. Abandi nabo bakavuga ko ari ubukene bw’ibitoro, ariko ico kibazo c’ibitoro muri kino gihe nta kikihari.