Ibitero Vya Grenade Vyasubiriye Kwimonogoza Mu Burundi

0

Mu ndwi iheze ku musi wa mungu,haratewe grenade mu ntara ya Kayanza mu Buraruko bw’Uburundi maze ihitana abantu 8,abashika 40 barakomereka.

Iyo grenade yatewe mu bantu bari bakoraniye hamwe ku rugo rwumuntu bariko bafata agacupa maze baterwa iyo grenade,nyene urugo akaba atakomeretse cane,kiretse imodoka yiwe yononekaye.

Uyu musi naho mwijoro ryakeye, abantu batatu bakomerekejwe na Gerenade yatewe muri zone Bwiza mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko iyo gerenade yatewe n’umuntu atamenyekanye yari mu modoka yo mu bwoko bwa “Camionnette”.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE ashikiriza kandi ko hari gerenade zatowe ku musozi Gamvyi, komine Mutambu, intara ya Bujumbura.

Mu giporisi bavuga ko izo gerenade zari zinyegeje mu gashamba.

Uko biri kwose,ibitero vya Grenade vyasubiye kuba ndanse mu Burundi.Ivyo biri ukwo mu gihe ata mugwi numwe uremanga ko ukora ivyo biterobitero vya Grenade muBurundi.

Naho birukwo,biragaragara ko ibigwanisho vyasigaye mu banyagihugu biguma vyiha inkumbi,nigihe hagize uwugirira inzigo uyundi yikora kuri grenade kuko ari co kigwanisho ‘umukene ashobora kuronka’ kugira akore ikibi,nkuko bamwe babivuga.

Muri Leta no mu batavuga rumwe nayo ntibabona kumwe ico kibazo,ariko uko biri kwose kirakwiye guhagurukirwa kuko ivyo bitero birahekura Uburundi bikongera bigasiga impfuvyi.